12 Wewe wabikoreye mu mpisho, ariko jeho nzobikora icese imbere y’Abisirayeli, ku murango nyene.
Nuko bashingira Abusalomu ihema hejuru ku ngoro; Abusalomu araheza yinjirana izo ncoreke za se, Abisirayeli bose babona.
Umugore wanje aragasēra uwundi, Kand’ akindweko n’abandi.
Nta mwiza cank’ igitūtu c’ urupfu Ah’ abakora ivy’ ukugabitanya boshobora kwinyegeza.
Kukw Imana izoshira igikorwa cose mu rubanza, bo n’ikintu cose gihishijwe, ari kibi ari ciza.
Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.