Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 12:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nzokuvyurira ivyago vyanduruka mu rugo rwawe; nzokunyaga abagore bawe ubona, mbahe umubanyi wawe, aryamane na bo ku murango.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 12:11
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye Abusalomu atuma abantu ngo bagende mu mpisho, bakwiragire mu miryango yose y’Abisirayeli, ngo bavuge, bati Ni mwumva ijwi ry’inzamba, muce muvuga, muti Abusalomu agiye ku ngoma i Heburoni.


Maze Dawidi abarira abantu biwe bose bari kumwe na we i Yerusalemu, ati Ni muve hasi duhunge; kuko tudahunze ata n’umwe muri twebge yomukira; ni mwihute tugende, ntace aduhamvya akadukorera ibara, umurwa akawuririkisha inkota.


Uko ni ko Abusalomu yagenza Abisirayeli bose baza kwitwara ku mwami; nukw atwara imitima y’ Abisirayeli.


Mbere Dawidi abarira Abishayi n’abantu biwe bose, ati K’umwana wanje nīkūriye mu nda arondera agatwe kanje, mbeg’ urya Mubenyamini we ntarushiriza? Nuko mureke antuke, kuk’ Uhoraho ari we yabimubariye.


Umugore wanje aragasēra uwundi, Kand’ akindweko n’abandi.


Kandi kamenyi ni yasukwa akagira ijambo avuga, ni jewe Uhoraho nzoba ndamusutse, kandi nzomushingiriza ukuboko kwanje, ndamurandure ndamukūre hagati mu bantu banje b’Abisirayeli.


Kandi ntaz’ agire umukimba w’abagore, kugira ngo ntibize bihindure umutima wiwe; kandi ntaze yirundanirize amafeza n’ amazahabu ngo bibe isinzi.


Muzosaba abageni, barongorwe n’abandi; muzokwubaka amazu, ntimuyabemwo; muzotera imizabibu, ntimuzoyāmūra.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ