Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 12:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 None rero, inkota nta ho izova mu rugo rwawe, kuko wankēngereye, ugacūra muka Uriya Umuheti, ukamugira umugore wawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 12:10
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko mw ijoro Imana ibonekera Abimeleki mu nzozi, iramubarira, it’ Urapfuye, kubg’ uwo mugore watwaye: kukw afise ina we.


Umwami avyumvise, inkonko irakoroka, yūrira mu cumba cubatswe hejuru kw irembo, arira; akirikw aragenda aravuga, ati Yō! Mwananje Abusalomu! Es’ umwananje! Ewe mwananje Abusalomu! Iyo mpfuma ari jewe mpfa mu gishingo cawe, ewe Abusalomu mwana wanje, mwana wanje we!


kuko Dawidi yakora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, ntakikame ngw ace mu kintu na kimwe yamugeze igihe cose yamaze akiriho, ukūye ivyo yakoze ku vya Uriya Umuheti.


Uwishura iciza ikibi, Ikibi ntikizoruha kiva ku nzu yiwe.


kand’ ibitabo aba Isaka bātavye ku mpinga z’imisozi bizosigara bitamāriwe, n’ahantu hēra h’Abisirayeli hazosangangurwa; kandi nzohagurukira inzu ya Yerobowamu nitwaje inkota.


ut’ Ariko muzozirya ukwezi kwiramvuriye, gushitsa aho zizosigara zibaduhiye, zikabasesema; uti Kuko mumwanse, Uhoraho ari muri mwebge, uti Mukaririra imbere yiwe, muti Twaviriye iki muri Egiputa?


Buno Yesu aramubarira, ati Subiza inkota yawe ahayo; kukw ababanguye inkota bose bazokwicwa n’inkota.


Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


Cank’ ukēngēra itunga ryo kugira neza kwayo n’iry’ imbabazi zayo n’iry’ ukwihangana kwayo? Ntuzi yuko kugira neza kw’Imana kugushikana ku kwihana?


Ni co gituma ūvyanka ataba yanse umuntu arikw aba yanse Imana, kand’ ari yo ibaha Mpwemu wayo Yera.


Ni co gitumye Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, avuga, ngo N’ukuri yari yaravuze yukw ab’ inzu yawe n’ab’ inzu ya sogokuruza bazokwama bamugendako bar’ imbere yiwe ibihe vyose; ariko noneh’ Uhoraho agize ngo Biragahera; ngo Kukw abamwubaha ari bo azokwubaha, arikw abamukēngēra bazokēngērwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ