Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 12:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bukeye Uhoraho atuma Natani kuri Dawidi; araza, aramubarira, ati Hār’ abantu babiri bāba mu gisagara kimwe, umwe w’umutunzi, uwundi w’umworo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 12:1
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi yishura iyo ntumwa, at’ Uz’ ubarire Yowabu, ut’ Ivyo ntibikubabaze, uti Kukw inkota mu kwica ipfa uwo ihubiyeko; uti None rero shimika, uvyure akanyarigabo mu kurwanya ico gisagara, ukineshe. Ukw abe ari k’umurindisha.


Kand’ uwo mutunzi yar’ afise amasinzi y’intama n’inka.


Erega twese tuzopfa, tumeze nk’amazi asēseka ntayorwe. Mbere n’Imana ntiyiciraho, arikw irondera uburyo kugira ng’ uwaciwe ntaz’ arinde apfa akir’ igicibga.


Maz’ ayo majambo yose n’ ukwo kwerekwa kwose, Natani abidondera Dawidi.


Ariko Sadoki umuherezi na Benaya mwene Yehoyada na Natani uwavugishwa n’Imana na Shimeyi na Reyi na ba bahizi ba Dawidi, ntibāfatanya na Adoniya.


Yerobowamu agihagaze ku gicaniro, agira yōse imibavu, haza umuntu w’Imana avuye i Buyuda, aje i Beteli, azanywe n’ ijambo ry’Uhoraho.


Hashize igihe kirekire ijambo ry’Uhoraho riza kuri Eliya; hāri mu mwaka ugira gatatu inzara iteye. Riti Genda wiyereke Ahabu, nanje nzorekurira imvura kw isi.


riti Va hasi umanuke uje guhūra na Ahabu umwami w’Abisirayeli, aba i Samariya; uramusanga mu ruzabibu rwa Naboti, aramanutse kurushikīra.


Azariya mwene Natani yar’ umukuru w’ abamenyekana; Zabudi mwene Natani nyene yar’ umuherezi kandi yar’ umukunzi w’umwami;


Maz’ umumarayika w’Uhoraho abarira Eliya w’i Tishubi, ati Va hasi, uje guhūra n’intumwa z’umwami w’i Samariya, uzibaze, uti Mbeg’ icatumye muja kuri Bayali‐zebubi iyo mana y’i Ekuroni kuraguza, n’ ukw ata Mana yariho mu Bgisirayeli?


Ivyādonzwe ku mwami Dawidi, uhereye ku ca mbere ugashitsa ku c’imperēra, biranditswe mu vyādonzwe na Samweli kamenyi, no mu vyādonzwe na Natani yavugishwa n’Imana, no mu vyādonzwe na Gadi kamenyi,


Bukeye haza uwavugishwa n’Imana Yesaya ku mwami Hezekiya, aramubaza, at’ Abo bantu bavuze iki? Kandi baje i wawe bavuye hehe? Hezekiya aramwishura, ati Baje bavuye mu gihugu ca kure i Babuloni.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ