Maz’ umumarayika w’Uhoraho abarira Eliya w’i Tishubi, ati Va hasi, uje guhūra n’intumwa z’umwami w’i Samariya, uzibaze, uti Mbeg’ icatumye muja kuri Bayali‐zebubi iyo mana y’i Ekuroni kuraguza, n’ ukw ata Mana yariho mu Bgisirayeli?
Ivyādonzwe ku mwami Dawidi, uhereye ku ca mbere ugashitsa ku c’imperēra, biranditswe mu vyādonzwe na Samweli kamenyi, no mu vyādonzwe na Natani yavugishwa n’Imana, no mu vyādonzwe na Gadi kamenyi,