8 Maze Dawidi aramubarira, ati Manuka uje i wawe, woge ibirenge. Nuko Uriya asohoka mu ngoro y’umwami, bamukurikiza ingaburo agaburiwe n’umwami.
nuko bazane utuzi mwoge ibirenge, muruhukire musi y’igiti:
arababarira, ati Batungwa, ndabinginze ni muze i wanje ku musavyi wanyu, muharāre iri joro, mwoge ibirenge, buce mwizindukira, mufate inzira, mugende. Baramwishura, bat’ Oya, turarāra mw ibarabara buce.
Nuko wa mugabo yinjiza abo bantu mu nzu ya Yosefu, abaha amazi, boga ibirenge, agaburira n’ indogoba zabo.
Yosefu avuga ko babakamatira no ku bindi biryoshe bir’ imbere yiwe; ariko kw ivya Benyamini bisumba ivyabo gatanu. Nuko baranywa, barahimba, banezeranwa na we.
Bose barabeshana, umuntu wese na mugenzi we: Bavugisha iminwa ihemana n’imitima ibiri.
Mbeg’ Imana ntizobisuzuma? Kukw izi amabanga yo mu mutima.
Akanwa kiwe kanyerera nk’ amavuta, Arik’ umutima wiwe warimw’ intambara gusa; Amagambo yiwe yaremba kurusha amavuta ya elayo, Ariko yar’ inkota zisokowe.
Bazobona ibara, abarondera kuzika inama zabo i kuzimu ngo bazihishe Uhoraho, ibikorwa vyabo bikaba mu mwiza, bakavuga, bati Ni nde atubona? kandi bati Ni nde atuzi?
Nta catwikiriwe kitazotwikururwa, canke kinyegejwe kitazomenyekana.
Ahindukiriye wa mugore, abgira Simoni, at’ Urabona uyu mugore? Ninjiye mu nzu yawe, ntiwampa amazi yo kwoga ibirenge: arik’ uyu antonyangirije amosozi ku birenge, abihanaguza umushatsi wiwe.
Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.