7 Uriya amushikiriye, Dawidi amubaza inkuru za Yowabu n’iz’ ingabo, n’uko bigenda mu ntambara.
Arababaza, at’ I we n’ amahoro? Baramwishura, bati N’ amahoro; kandi ngurya n’umwigeme wiwe Rakeli azanye intama.
Aramubarira, ati Genda urābe ko bakuru bawe bar’ amahoro, n’umukuku k’ur’ amahoro, uheze ugaruke umbarire. Nukw aramutuma, ava mu kiyaya c’i Heburoni, ashika i Shekemu.
Maze Dawidi atuma kuri Yowabu, uti Murungikire wa Muheti Uriya. Nuko Yowabu aca arungika Uriya kwa Dawidi.
Mose arasohoka, aja gusanganira sebukwe, akubita inkoro hasi, amugwa mu nda, babazanya amakuru, binjira mw ihema.
Maze Dawidi abītsa ivyo yar’ agemuye ūsigarana ibintu vy’intēkera, ariruka aja mu ngabo, aramutsa bakuru be.