5 Nya mugore asamye inda, atuma kuri Dawidi, ut’ Afise inda.
Maze Dawidi atuma kuri Yowabu, uti Murungikire wa Muheti Uriya. Nuko Yowabu aca arungika Uriya kwa Dawidi.
Kuko gufūha kw’umugabo kurandamura ishavu; Kandi ntazogira akagongwe ku musi wo kwihōra.
Umuntu ni yasambana n’ umugore w’uwundi, agasambana na muka mugenzi we, uwo musambanyi n’uwo musambanyikazi ntibaze babure kwicwa.
Umuntu ni yafatwa aryamanye n’umugore w’uwundi, baze babice bompi: abo ukw ari babiri, uwo mugabo yaryamanye n’ uwo mugore, na nya mugore nyene, bapfe; ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi muri mwebge Abisirayeli.