Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 11:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Maz’ umusi ur’ izina ku mugoroba, Dawidi amaze kwibambura ku kirwa, agendagenda hejuru ku ngoro yiwe; maz’ akiri hano hejuru, aja abona umugore arikw ariyuhagira, kandi yari mwiza ateye igomwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 11:2
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ari hafi gushika muri Egiputa, abarira Sarayi umugore wiwe, at’ Umve ndazi k’ur’ umugore w’igikundiro:


Uwo mugore abonye ico giti yukw ar’ ikibereye kuribga, kandi ko gihimbaye mu jisho, ar’ igiti co kwifuzwa kimenyesha ubgenge, yamura ku vyo camye, arabirya, ahako n’umugabo wiwe bāri kumwe, na we ararya.


Maze mwene Hamori Umuhiwi, atwara ico gihugu, yitwa Shekemu, aramubona; aramufata, aramusindira, aryamana na we.


Yegurira Yosefu ivyo yar’ afise vyose; ntiyagira ikindi yibaza, atar’ ivy’ arya gusa. Kandi Yosefu yari mwiza w’umunyakaranga.


abana b’Imana bitegereje abakobga b’abantu babona ari beza; barongora muri bo abo bitoranirije bose.


Hanyuma y’ivyo ivyābaye n’ibi: Abusalomu mwene Dawidi yar’ afise mushiki we mwiza w’umunyakaranga, yitwa Tamari. Bukeye Amunoni mwene Dawidi nyene aramugomwa.


Kandi Abusalomu yari yaravyaye abahungu batatu n’umukobga yitwa Tamari; yar’ umukobga mwiza w’umunyakaranga.


Bukeye bene Rimona w’i Beroti, Rekabu na Bayana, baraza, bashika kwa Ishibosheti, igihe yar’ avyukiriye mu mashōka.


Bīteye mu ngoro, barenga mw iteka basanga aryamye ku kirwa, baramucumita, baramwica, bamuca izosi; baraheza bajana umutwe wiwe, bagenda ijoro ryose bajanye ikiyaya Araba.


Nasezeranye isezerano n’ amaso yanje; None noshobora nte gushira ijisho ku mwigeme?


Ukebukishe amaso yanje, noye kurāba ibitagira ikimazi; Ungirire muzima mu nzira zawe.


Ubunebge butera itiro ryinshi, Kand’ umunyabute azogira inzara.


Akazuru gusa karahendana, n’ubgiza bgo ku rukoba nta co bumaze, Arik’ umugore yubaha Uhoraho ni we ashimwa.


Ntukifuze ubgiza bgiwe mu mutima wawe, Kandi ntagufatishe kubongeka ingohe ziwe.


Aca mu nzira hafi y’inkokora y’inzu y’umugore ameze artyo, Anobanga mu nzira ija ku nzu yiwe;


ingo z’i Yerusalemu n’ingoro z’abami b’i Buyuda zizoba ibihumane, zimere nk’aha hantu i Tofeti, mbere n’amazu yose būriyeko hejuru ngo bosereze imibavu inyenyeri zose, ari zo ngabo zo kw ijuru, bagasukira ibiturire izindi mana.


Ico mbabaririra mu mwiza muze mukivugire mu muco, kand’ ico mwongorewe mu gutwi muze mukivugire ku mazu hejuru.


ūzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururutswe no gusahura ibiri mu nzu yiwe,


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe.


Bukeye bg’aho, bakigenda, bari hafi gushika mu gisagara, Petero yūrira hejuru ku nzu gusenga, hāri nk’isaha zitandatu.


Ni hagira uwubaka inzu nsha muri mwebge, wewe uyubaka uz’ uyikīkūzekw igikugiro hejuru co gutangīra umuntu, ntakoroke, bigahava bizanira inzu yawe guharūrwakw amaraso y’uno akorotse.


Kandi ntukifuze umugore wa mugenzawe, ntukifuze inzu ya mugenzawe, cank’ itongo ryiwe, cank’ umugurano wiwe, cank’ umuguranokazi wiwe, cank’ inka yiwe, cank’ indogoba yiwe, cank’ ikintu na kimwe ca mugenzawe.


Arik’ umuhero wa vyose uri hafi: nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga.


Kukw ikiri mw isi cose ar’ ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bugingo, bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi.


Bavuye aho ku mpinga y’umusozi, baramanuka bashika mu gisagara, Samweli aja kugānirira na Sauli hejuru ku nzu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ