2 Samweli 11:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)16 Nuko rero Yowabu, igihe asubiye gutera ico gisagara, aherereza Uriya ahantu azi ko har’ abahizi. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ikindi, urazi ivyo Yowabu umwana wa Seruwiya yangiriye, n’ivyo yagiriye ba bagabisha bompi b’ingabo z’Abisirayeli, Abuneri mwene Neri na Amasa mwene Yeteri, abo yishe, amaraso yaviriye mu ntambara akayahōra mu gihe c’impore, akīyandurisha amaraso y’abatācumuye, akamutarukira ku mukanda no ku nkweto.
Yongera kubandikira icete ubga kabiri, at’ Asangwa muherereye ku ruhande rwanje, mukemera kunyumvira, ni muce amazosi bene shobuja, imitwe yabo muze muyinsanze i Yezireli ejo nk’iki gihe. Kand’ abo bana b’umwami ukw ari mirongwirindwi, bari kumwe n’abashingantahe bo ku murwa, ari bo nyene bāri bārabajejwe.