Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 11:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Nuko rero Yowabu, igihe asubiye gutera ico gisagara, aherereza Uriya ahantu azi ko har’ abahizi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 11:16
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yandika mur’ ico cete, ati Muherereze Uriya imbere ah’ urugamba rukaze, muheze mwīgire inyuma mumute, kugira ngo bamutere apfe.


Maz’ abantu bo muri nya gisagara barasokoroka, barwanya Yowabu; abantu bamwe bo mu ngabo za Dawidi barapfa, hapfamwo na Uriya wa Muheti.


Akanakubaza, ati None ni nde yishe Abimeleki mwene Yerubayali? ati S’umugore yamuteye ingasire, yihagarariye ku ruzitiro, akagwa aho nyene i Tebesi? ati N’iki cabateye kwegereza uruzitiro murtyo? Uz’ uheze umubarire, ut’ Erega na wa muntu wawe w’Umuheti Uriya, na we yarapfuye.


Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.


Ikindi, urazi ivyo Yowabu umwana wa Seruwiya yangiriye, n’ivyo yagiriye ba bagabisha bompi b’ingabo z’Abisirayeli, Abuneri mwene Neri na Amasa mwene Yeteri, abo yishe, amaraso yaviriye mu ntambara akayahōra mu gihe c’impore, akīyandurisha amaraso y’abatācumuye, akamutarukira ku mukanda no ku nkweto.


Yongera kubandikira icete ubga kabiri, at’ Asangwa muherereye ku ruhande rwanje, mukemera kunyumvira, ni muce amazosi bene shobuja, imitwe yabo muze muyinsanze i Yezireli ejo nk’iki gihe. Kand’ abo bana b’umwami ukw ari mirongwirindwi, bari kumwe n’abashingantahe bo ku murwa, ari bo nyene bāri bārabajejwe.


Ūganza, iyo yumvira ibinyoma Abasavyi biwe bose baba ar’ abanyavyaha.


Efurayimu arahahajwe, avungavunzwe n’iteka aciriweko, kuko yahurumbiye inyuma y’ibinyoma.


Maze Petero n’intumwa barabishura, bat’ Igikwiye n’ukwumvira Imana kuyirutisha abantu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ