Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 11:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Yandika mur’ ico cete, ati Muherereze Uriya imbere ah’ urugamba rukaze, muheze mwīgire inyuma mumute, kugira ngo bamutere apfe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 11:15
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko rero Yowabu, igihe asubiye gutera ico gisagara, aherereza Uriya ahantu azi ko har’ abahizi.


Maz’ abantu bo muri nya gisagara barasokoroka, barwanya Yowabu; abantu bamwe bo mu ngabo za Dawidi barapfa, hapfamwo na Uriya wa Muheti.


N’iki catumye ukēngēra ijambo ryanje jewe Uhoraho, ugakora ivyo mbona kw ari bibi, ukicisha inkota Uriya Umuheti, ugacūra umugore wiwe ukamugira rwawe, na we Uriya ukamwicisha inkota y’Abamoni?


kuko Dawidi yakora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, ntakikame ngw ace mu kintu na kimwe yamugeze igihe cose yamaze akiriho, ukūye ivyo yakoze ku vya Uriya Umuheti.


Unkize umwenda w’amaraso y’umuntu, Mana, we Mana y’agakiza kanje; Ni ho ururimi rwanje ruzorenza ijwi ruririmba ukugororoka kwawe.


Ni wewe, ni wewe ubgawe, nacumuyeko, Nakoze ikibi mu nyonga zawe: Vyabaye birtyo kugira ng’ uboneke k’ugororotse ni wavuga, Kand’ uboneke k’uroranya ni waca urubanza.


Urubanza rw’igikorwa kibi naho ruciwe, ntiruherahezwa vuba, ni co gituma imitima y’ abana b’abantu ihangara gukora ikibi.


Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa: ni nde yowumenya?


Muririmbire Uhoraho, muhimbaze Uhoraho: kuko yarokoye ubugingo bg’umukene, akabukūra mu maboko y’inkozi z’ibibi.


Bukeye Sauli abarira Dawidi, ati Nguyo umukobga wanje mukuru Merabu, nzomuguha; ariko rero, uz’ ube umuhizi wo kundwanira, urwane intambara z’Uhoraho. Kuko Sauli yavuga, ati Yoye kuzongwako, arikw az’ agwe ku Bafilisitiya.


Aravuga, ati Nzomumuha, amubere umutego, agwe ku Bafilisitiya. Ni co catumye Sauli abarira Dawidi ubugira kabiri, at’ Uyu musi ubaye umukwe wanje.


Maze Sauli arababarira, ati Muze mubarire Dawidi, muti Ntagomba inkwano; mut’ Ico agomba n’ubugabo ijana uzoshāhura Abafilisitiya, kugira ngo yīhōre abansi biwe. Ariko Sauli yagira ngw akororere Dawidi mu maboko y’Abafilisitiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ