14 Bukeye mu gitondo Dawidi yandikira Yowabu icete, akirungikana Uriya nyene.
N’iki catumye ukēngēra ijambo ryanje jewe Uhoraho, ugakora ivyo mbona kw ari bibi, ukicisha inkota Uriya Umuheti, ugacūra umugore wiwe ukamugira rwawe, na we Uriya ukamwicisha inkota y’Abamoni?
Kandi wame uzigama umusavyi wawe sinze nkore ivyaha ibigirankana, Ntibize binganze: ni ho nzobona gutungana rwose, Sinzotsindwa n’urubanza rw’ icaha gikomeye.
Ururimi rwawe rwigenera kugeseza, Rumeze nk’urupfuhe rukarishe, rukora ivy’ ubugunge.
N’ukuri abafafara ni nk’impwemu zihumetswe, kand’ abahambaye n’ibinyoma gusa: Ni bashirwa ku munzane, bazoteruka gusa; Bose hamwe bahwahutse kurusha impwemu zihumetswe.
Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa: ni nde yowumenya?