12 Maze Dawidi aramubarira, ati Sībira hano n’uyu musi, ejo nzokurekura ugende. Nuko Uriya asībira i Yerusalemu uwo musi na bukeye.
Maze Dawidi aramurengukisha ngw aze kurya no kunywa ar’ imbere yiwe, aramuboreza; hageze mw ijoro, Uriya aja kuryama ku gisegure ciwe hamwe na ba banyarugo ba shebuja, ariko ntiyamanuka ngw aje i we.
Nah’ ivyaha bimuryohera mu kanwa, Akabinyegeza mu nkingi z’ ururimi,
Na ho nyene uzovayo witwaye impungenge; jewe Uhoraho ko nagaye abo wishimiye, nta co bazokumarira.