Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 11:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Uriya yishura Dawidi, at’ Isandugu y’Imana n’Abisirayeli n’Abayuda ko barāra mu nsago, kandi databuja Yowabu n’ abantu bawe, mugenzi, bakaba bashagaje mu gahinga; none jewe ngende i wanje, nīrīre, nīnywere, ndārane n’umugore wanje? Ndakurahiye, eka ni wewe ndahiro nyene, sinorikora!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 11:11
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze babariye Dawidi, bat’ Erega Uriya ntiyatashe i muhira; Dawidi aca abaza Uriya, ati Mbega ntiwar’ uvuye ku rugendo? None k’utāgiye kurāra i wawe?


Umwami aramubaza, at’ Ubg’ ivyo vyose ntiwabibgirijwe na Yowabu? Uwo mugore aramwishura, ati Mwami wanje nyen’ ingoma, indahiro ni wewe nyene hakagira uwoshobora gucisha i ruhande ico umubajije cose; ni koko umusavyi wawe Yowabu ni we yangeze, jewe incoreke yawe, antegekera ayo majambo yose;


Dawidi araheza abarira Abishayi, ati Sheba mwene Bikuri agiye kutugirira nabi kuruta Abusalomu; abe ari wewe ujana ingabo zanje, umukurikirane, kugira ngo ntiyegukire ibisagara vyubakiwe inzitiro z’amabuye, akaba atujanye.


abarira ūvugishwa n’Imana Natani, at’ Ehe jewe mba mu nzu yubakishijwe amasederi, na yo isandugu y’Imana iba mw ihema gusa.


Ut’ Erega ntiyigeze kuba mu nzu uhereye igihe yadūganiye Abisirayeli abakūye muri Egiputa gushitsa n’ubu. Uti Yahora aba mw ihema nk’ urusago.


Mose yishura Abagadi n’Abareyubeni, ati None se bene wanyu baze baje mu ntambara, namwe mwiyicariye hano?


Nuko rero, ko jewe mbogeje ibirenge, ndi Shobuja n’Umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge.


namba twihangana, tuzokwimana na we; namba tuzomwihakana, na we azotwihakana;


Maze Hana aravuga, ati Mwami wanje, indahiro ni wewe nyene, erega ni jewe wa mugore nari mpagaze i ruhande yawe, mwami wanje, nsaba Uhoraho.


Maze Sauli abarira Ahiya, ati Zana hano isandugu y’Imana; kuko mur’ iyo misi isandugu y’Imana yajana n’ Abisirayeli.


Igihe Sauli yabona Dawidi agiye kurwana na wa Mufilisitiya, yabajije Abuneri umugabisha w’ ingabo ziwe, ati Harya ga Abuneri, urya muhungu ni mwene nde? Na we aramwishura, ati Mugenzi, indahiro ni wewe nyene nkamumenya!


Dawidi aramwishura, at’ Erega so azi neza ko ngutonnyeko; ni co catumye yiyumvira, ati Yonatani ntābimenye ngo bimubabaze. Ariko vy’ukuri, ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, har’ agatambuko kamwe gusa hagati yanje n’urupfu.


None rero mugenzi, nk’uk’ Uhoraho yamaho, nawe ukaba uriho, Uhoraho ni we agutesheje ngo ntuvishe amaraso, ntiwīhōre ubgawe; abansi bawe, n’abarondera kukugirira nabi, barakamera nka Nabali, mugenzi!


Nukw abantu batuma i Shilo, bakūray’ isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Nyen’ ingabo yama avyagiye ku bakerubi, barayizana. Kandi bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi, bazanana n’iyo sandugu y’isezerano ry’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ