2 Samweli 11:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Nuk’ umwaka utashe, ku gacikamvura, mu gihe abami bākunda kuja mu ntambara, Dawidi agomora Yowabu n’abantu biwe n’Abisirayeli bose, bageseza Abamoni, baziguza n’i Raba. Ariko Dawidi ubgiwe yisigarira i Yerusalemu. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
(Kand’ uyo Ogi, umwami w’i Bashani, ni we wenyene yar’ agasigarira k’Abarefa. Uburiri bgiwe bgar’ ubg’ icuma: mbega ntibukir’ i Raba mu Bamoni no kugeza n’ubu? Uburebure bgabgo bgar’ amatambge cenda y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgar’ amatambge ane, nk’ukw itambge ry’ ukuboko risanzwe rireha.)