Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 11:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Nuk’ umwaka utashe, ku gacikamvura, mu gihe abami bākunda kuja mu ntambara, Dawidi agomora Yowabu n’abantu biwe n’Abisirayeli bose, bageseza Abamoni, baziguza n’i Raba. Ariko Dawidi ubgiwe yisigarira i Yerusalemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 11:1
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ Abamoni babonye Abasiriya bahunze, na bo bahunga Abishayi, bīsuka mu gisagara. Nuko Yowabu araheza areka Abamoni, asubira i Yerusalemu.


Hanyuma wa muvugishwa aza ku mwami w’Abisirayeli, ati Genda witegure, wiyumvire umenye uk’ uzogenza, kuko mu mwaka utaha ku gacikamvura, umwami w’i Siriya azokwongera kugutera.


Nuko wa mwaka utashe, ku gacikamvura Beni‐hadadi akoranya Abasiriya, aradūga aja i Afeka ngw atere Abisirayeli.


Nuk’ umwaka utashe, ku gacikamvura, mu gihe abami bākunda kuja mu ntambara, Yowabu ajana ingabo, aragenda atera igihugu c’Abamoni, ashika n’i Raba, arahaziguza. Ariko Dawidi ubgiwe yisigarira i Yerusalemu. Nuko Yowabu atsinda i Raba, arahasangangura.


Ku gacikamvura umwami Nebukadineza aratuma ngo bamuzane i Babuloni, bo n’ibintu vyiza‐vyiza vyo mu ngoro y’Uhoraho; yimika mukuru we Zedekiya ngw abe umwami w’i Buyuda n’i Yerusalemu.


Ni nde azonshikana mu gisagara kizitijwe ibikomeye? Ni nde azonshikana muri Edomu?


igihe co gukundana n’igihe co kwankana; igihe c’intambara n’igihe c’impore.


None rero, ehe rāba imisi igira ize, ni k’Uhoraho agize, nzokwumvikanisha akarūru k’intambara i Raba h’Abamoni; kandi hazohinduka ibirundo vy’amasakamburira, n’ abakobga baho bazoyigizwa n’ umuriro: ni ho Isirayeli azokwiguranura, akegukira abāmwegukiye, ni k’Uhoraho agize.


Boroga, Heshiboni we, kuko Hayi hanyazwe; murire, mwa bakobga b’i Raba, mukenyere amagunira: mwivugirize amarūru, mwiruke mujarajare hirya no hino mu nzitiro; kuko Malukamu kizojanwa ar’ inyagano, bo n’abaherezi baco n’abaganwa baco.


Utoborere inzira iyo nkota ngw ije ahitwa i Raba h’ubgoko bg’Abamoni, n’iyindi ngw ije i Buyuda i Yerusalemu hazitijwe inzitiro z’ amabuye.


Nuko nzokwanda umuriro uruzitiro rw’i Raba, utongore ingoro zaho, har’ akāyaga ku musi w’intambara, bo n’ikirura ku musi w’agashururu.


Maz’ Uhoraho azokwisidukira, arwane n’ayo mahanga, nk’uko yahora arwana mu ntambara.


(Kand’ uyo Ogi, umwami w’i Bashani, ni we wenyene yar’ agasigarira k’Abarefa. Uburiri bgiwe bgar’ ubg’ icuma: mbega ntibukir’ i Raba mu Bamoni no kugeza n’ubu? Uburebure bgabgo bgar’ amatambge cenda y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgar’ amatambge ane, nk’ukw itambge ry’ ukuboko risanzwe rireha.)


Bukeye abaganwa b’Abafilisitiya baza gutera; kand’ uko bātera kwose, Dawidi yagira ibakwe kurusha abandi bantu bose ba Sauli, bituma izina ryiwe riba rurangiranwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ