Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 10:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Maz’ Abamoni babonye ko bateye Dawidi akayigo, batuma ku Basiriya b’i Beti‐rehobu n’ab’i Zoba, babaha impēra ngo babahe ingabo ibihumbi mirongwibiri, bahēra n’umwami w’i Mayaka, azana ingabo igihumbi, n’iz’ i Tobu ibihumbi cumi na bibiri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 10:6
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yakobo abarira Simeyoni na Lewi, ati Munkwegeye ibara, kuko mutumye nzinukwa na ben’ igihugu, Abanyakanani n’Abaferizi; kandi ko tur’ inkehwa, bazokwikoraniriza hamwe, bantere, mpeze ndanduke, ndanduranwe n’inzu yanje.


Dawidi abibariwe, atuma abo guhūra na bo, kukw abo bagabo bāri batēterewe cane. Umwami abatumako, uti Ni mugume i Yeriko kugeza musubiye kumera ubganwa, muheze muze mubone kugaruka.


Maze Dawidi avyumvise, arekura Yowabu n’ingabo zose z’abahizi.


Ahitofeli yishura Abusalomu, ati Genda winjirane baka so b’incoreke, abo yasigaranye urugo; ni ho Abisirayeli bose bazomenya ko wacancabuye na so, abari kumwe nawe bose bagaca barema.


na Elifeleti mwene Ahasubayi w’i Mayaka, na Eliyamu mwene Ahitofeli w’i Giloni;


i Siriya n’i Mowabu no mu Bamoni no mu Bafilisitiya no mu Bamaleki, bo na ya masahu yari yarasahuye umwami w’i Zoba, Hadadezeri mwene Rehobu.


Bukeye Dawidi anesha n’ umwami w’i Zoba, Hadadezeri mwene Rehobu, igihe Hadadezeri yaja gusubira kugandura igihugu yaganza co ku ruzi Efurate.


Maz’ Abasiriya b’i Damasiko baje gutabara Hadadezeri umwami w’i Zoba, Dawidi abicamw’ ingabo ibihumbi mirongwibiri na bibiri.


Maz’ igihe Dawidi yageseza ab’i Zoba, Rezoni yakoranije abantu, yīgira umugabisha w’igitero; baraheza baja i Damasiko, babayo; na we yīgira umwami waho.


kuk’ Uhoraho yari yatumye haza mu matwi y’ingabo z’Abasiriya uguhinda kw’imikogote n’ukw’ amafarasi n’ukw’ ingabo nyinshi, bituma bavugana, bat’ Ereg’ umwami w’Abisirayeli yahēreye abami b’Abaheti n’abami bo muri Egiputa ngo badutere.


Kand’ abami barakorakoranye, Bawurenganira icarimwe,


barababarira, bat’ Uhoraho n’arābe ico mudukoreye, abahane, kuko mutumye Farawo n’abantu biwe batwanka urunuka, mukabaha inkota yo kutwica.


Ntukihutire kubūrana, Uburuhiro ntuz’ usange waguye mu rudubi, Mugenzawe amaze kukumāramāza.


baza kuri Gedaliya i Mizipa. Ni bo aba: Ishimayeli mwene Netaniya, na Yohanani na Yonatani bene Kareya, na Seraya mwene Tanehumeti, na bene Efayi w’i Netofati, na Yezaniya umwana w’Umunyamayakati, bo n’ingabo zabo.


Kand’ ingabo zaho z’abacangero ziri hagati yaho, zimeze nk’inyana zo mu ruhongore: kuko na zo zakimiranye, zahungiye icarimwe, ntizashinga ikirenge: kuk’ umusi w’ ivyago vyabo ubashitseko, ni co gihe co kūzirwa kwabo.


(Yayiri umwuzukuruza wa Manase ni we yanesheje iyo ntāra yose yo muri Arugobu, ari ho i Bashani, gushitsa ku rubibe rw’Abageshuri n’ Abanyamayaka: ibisagara vyaho avyitiranya n’izina ryiwe, avyita Havoti‐yayiri, nk’uko bicitwa na bugingo n’ubu.)


Maze Yefuta aca ahunga bene se, aragenda aba mu gihugu c’i Tobu; abantu b’ imburakimazi bakoranira kuri we, bakagenda bambura abantu.


Maze babateye, abakuru b’i Gileyadi baragenda ngo bakūre Yefuta mu gihugu c’i Tobu;


Kandi ntihāgira gitabara, kuko hāri kure y’i Sidoni, kand’ abaho ntibāri bīfatanije n’umuntu wundi n’ umwe. Aho hantu hāri mu kiyaya gihereranye n’i Beti‐rehobu. Maz’ Abadani basanura ico gisagara, bakibamwo.


Abisirayeli bose bumva bavuga ko Sauli yatsinze Abafilisitiya bo mur’ izo nsago, kandi kw ari bo nyene bāsomboroje Abafilisitiya. Nukw abantu bakōndōrera kuri Sauli i Gilugali.


Nuko Akishi aca yizigira Dawidi, akavuga, ati Yatumye Abisirayeli bagenzi biwe bamuzinukwa rwose; noneh’ abaye umuntu wanje gushitsa ibihe vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ