Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 10:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Dawidi abibariwe, atuma abo guhūra na bo, kukw abo bagabo bāri batēterewe cane. Umwami abatumako, uti Ni mugume i Yeriko kugeza musubiye kumera ubganwa, muheze muze mubone kugaruka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 10:5
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Hanuni afata abo bantu ba Dawidi, abamwa ubganwa bg’umusaya umwe, akeba impuzu zabo ahereye hagati ku kibuno, araheza arabarungika.


Maz’ Abamoni babonye ko bateye Dawidi akayigo, batuma ku Basiriya b’i Beti‐rehobu n’ab’i Zoba, babaha impēra ngo babahe ingabo ibihumbi mirongwibiri, bahēra n’umwami w’i Mayaka, azana ingabo igihumbi, n’iz’ i Tobu ibihumbi cumi na bibiri.


Kandi ku ngoma yiwe ni ho Hiyeli w’i Beteli yubaka i Yeriko. Acubaka itanguriro ryaho abura umwana wiwe w’imfura yitwa Abiramu, maz’ agitera ibikingi vy’amarembo yaho abura umwana wiwe w’umuhererezi yitwa Segubu, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arivugiye mu kanwa ka Yosuwa mwene Nuni.


Maz’ abandi bantu baragenda babarira Dawidi ukw abo bagabo bāgiriwe. Atuma abo guhūra na bo, kukw abo bagabo bāri batēterewe cane. Umwami abatumako, uti Ni mugume i Yeriko kugeza musubiye kumera ubganwa, muheze muze mubone kugaruka.


Kand’ i Yeriko bari biyugaranye bahadadiye kubgo gutinya Abisirayeli; nta warenga irembo, kandi nta washika imbere.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ