19 Maz’ abami bose baganzwa na Hadadezeri, babonye ko baneshejwe n’Abisirayeli, barabīsaba, bemera kuganzwa na bo. Nukw Abasiriya batinya gusubira gutabara Abamoni ukundi.
Bukeye Dawidi anesha n’ umwami w’i Zoba, Hadadezeri mwene Rehobu, igihe Hadadezeri yaja gusubira kugandura igihugu yaganza co ku ruzi Efurate.
Araheza akwiragiza amaboma mu gihugu c’i Siriya gikūkira i Damasiko; nukw Abasiriya baba abatwarwa ba Dawidi, bakāma bamuzanira amarari. Nuk’ Uhoraho yahora aha Dawidi intsinzi aho yaja hose.
Bukeye Beni‐hadadi umwami w’i Siriya akoranya ingabo ziwe zose, aradūga aja gutera i Samariya, ahugariza impande zose; abami mirongwitatu na babiri bafatanya na we, bari n’amafarasi n’imikogote y’intambara.
Maz’ abantu ba Hadadezeri babonye ko baneshejwe n’Abisirayeli, bīsaba Dawidi, bemera kuganzwa na we. Nukw Abasiriya ntibemera gusubira gutabara Abamoni ukundi.
Uhoraho, umanitse ukuboko, yamara ntibabibona; ariko bazobona umwete ugirira abantu, bamāramāre; mber’ umuriro uzorigata abansi bawe.
Nuko mugenzi, wewe ur’ umwami aganza abami; Imana yo mw ijuru yaguhaye ubgami n’ububasha n’inganji n’icubahiro;
Maz’ ico gihe Yosuwa arakebanuka, atsinda i Hasori, yicisha umwami waho inkota; kand’ i Hasori ubga mbere ni co cār’ igisagara gikuru mu bihugu vy’abo bami bose.
bahagaritswe kure no gutinya ugushinyagurirwa kwiwe, bati N’ibara, n’ibara, ewe wa gisagara gihambaye, Babuloni, wa gisagara c’inkomezi, kuko mw isaha imwe iteka uciriweko rigushikiriye!
Adoni‐bezeki aravuga, at’Abami mirongwirindwi naciye ibikumu n’amano manini bāhora batoragura utwo barya musi y’ameza yanje: uko nabagiriye ni kw Imana inshubirije mu nkōko. Nuko bamujana i Yerusalemu, agwayo.