Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 10:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Maz’ Abasiriya bahunga Abisirayeli; Dawidi yica mu Basiriya abagendera mu mikogote amajana ndwi y’intambara, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi mirongwine, kandi yica Shobaki umugabisha w’ingabo zabo, agwaho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 10:18
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi abibariwe, na we akorakoranya Abisirayeli bose, bajabuka Yorodani baja i Helamu. Maz’ Abasiriya batonda urugamba bahangana na Dawidi, barwana na we.


Dawidi amunyaga ingabo zigendera ku mafarasi igihumbi n’amajana ndwi, n’izigendesha amaguru ibihumbi mirongwibiri; maz’ amafarasi akwega imikogote ayacagagura ibitsi, arikw asigaza ayakwiranye n’imikogote ijana.


Maz’ igihe Dawidi yageseza ab’i Zoba, Rezoni yakoranije abantu, yīgira umugabisha w’igitero; baraheza baja i Damasiko, babayo; na we yīgira umwami waho.


Maz’ Abasiriya bahunga Abisirayeli; Dawidi yica mu Basiriya abagendera mu mikogote ibihumbi ndwi y’intambara, n’ingabo zigendesha amaguru ibihumbi mirongwine, yica na Shobaki umugabisha w’izo ngabo.


Narabatobekeranije, ntibabasha kuvyuka, Kandi bāguye musi y’ibirenge vyanje.


Uhoraho Nyen’ ingabo ari kumwe natwe, Imana ya Yakobo n’ubuhungiro bgacu. Sela.


Nk’uk’ umwotsi utumuka, abe ari k’ubatumura: Nk’ukw ishashara iyagira i ruhande y’umuriro Abe ari kw abanyakibi barandukira imbere y’Imana.


Uhoraho abagabura mu maboko ya Yabina umwami w’i Kanani, yaba i Hasori; kand’ umugabisha w’ingabo ziwe yari Sisera, yaba i Harosheti‐ha‐goyimu.


Maze haza Baraki akurikiranye Sisera; Yayeli arasohoka, aramusanganira, aramubarira, ati Ngwino nkwereke uwo urondera. Barinjirana, asanga Sisera arambaraye, yapfuye, urumambo rukineze mu mvuridahita.


Atuma ukuboko, yābīra urumambo, Atuma ukw’i buryo, yābīra inyundo y’abakozi; Akubita Sisera, amumena umutwe, Aramusāvya, aramutobekeranya mu mvuridahita.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ