Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 10:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nuko shira ubgoba, turwane kigabo, turwanire ubgoko bgacu n’ibisagara vy’Imana yacu; na we Uhoraho arakora ico ashima.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 10:12
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yowabu aramubarira, at’ Abasiriya ni baramuka bagomba kunnanira, uraza untabare; kandi nawe Abamoni ni baramuka bagomba kukunanira, nanje ndaza kugutabara.


Na ho ni yambarira ngo sindamuhimbaye; ehe ndi hano: n’angire ukw agomba.


Nuko shira ubgoba, turwane kigabo, turwanire ubgoko bgacu n’ibisagara vy’Imana yacu; na we Uhoraho arakora ico ashima.


ati Ni mushikame, mushire amanga, ntimutinye, ntimurandurwe imitima n’umwami w’i Ashuri bo na rirya sinzi ry’ ingabo riri kumwe na we; kuk’ Uwo turi kumwe ahambaye kuruta abari kumwe na we.


Mbitegereje, mva hasi mbarira abakuru n’abaganza n’abandi bose, nti Ntimubatinye. Mwibuke Umwami Imana, ahambaye ateye ubgoba, murwanire bene wanyu, n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagore banyu n’ingo zanyu.


bahiga imihigo bose yuko bazoja gutera i Yerusalemu no kutuburabuza.


ati Genda ukoranirize hamwe Abayuda bose bar’ i Shushani, mwisonzeshe kubganje, mumare imisi itatu ku murango no mw ijoro mutagira ico murya canke munywa; nanje twe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha durtyo nyene, mpeze mbone gushika ah’ umwami ari, nah’ ar’ uguca mu cagezwe: kandi namba ndamukiwe no gupfa, mpfe!


ati Navuye mu nda ya mama nambaye ubusa, kandi nzosubira mu nda y’isi ata co nambaye. Uhoraho ni we yagavye, kand’ Uhoraho ni we agaburuje: izina ry’Uhoraho ni rishemagizwe.


murābe n’ukw ico gihugu kimera canke ko kitamera, kandi ko kirimw’ ibiti canke ko bitarimwo. Kandi mushire ubgoba, muzane ku vyo ico gihugu ceze. Kand’ ico gihe car’ igihe insukoni z’isega zirungurije.


Mwame mugavye, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire inkomezi.


Mushikame, mushire amanga, ntimutinye, ntimubacikire ivutu: kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari we azojana namwe; ntazobaheba, ntazobata.


Maze Mose ahamagara Yosuwa, amubaririra imbere y’Abisirayeli bose, at’ Ushikame, ushire amanga, kukw ari wewe uzojana aba bantu mu gihugu Uhoraho yarahiye ba sogokuruza kw azokibaha: ni wewe uzokibashikiriza.


bāheshejwe n’ukwizera gutsinda abami, no gukora ibigororotse, no kuronka ivyasezeranywe, no kuziba iminwa y’intambge,


Ni co gituma tuvuga dushize ubgoba, tut’ Uhoraho n’umutabazi wanje, sinzotinya: Non’ umuntu yoshobora kungira iki?


Umuntu wese azogarariza, akanka icagezwe cawe, ntiyumvire ic’ umubariye cose, azokwicwa. Mugabo, shikama, ushire amanga.


None si jewe nkwibaririye, nti Shikama, ushire amanga? Nuko ntutinye, nturanduke umutima, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi kumwe nawe ah’ uzoja hose.


Abisirayeli bishura Uhoraho, bati Twaracumuye koko, none n’utugire uk’ ugomba: mugabo, wemere kudukiza iri rimwe gusa.


Abo mur’ izo nsago bahamagara Yonatani n’ūmutwaje ibirwanishwa, bati Ni mudūge ino, ico tubereka! Nuko Yonatani abarira ūmutwaje ibirwanishwa, ati Nkurikira, kuk’ Uhoraho abagabuye mu maboko y’Abisirayeli.


Yonatani ni kwo kubarira uwo muhungu yamutwaza ibirwanishwa, ati Ngwino tujabuke tuje ku nsago za ziriya ntakebga; kumbure Uhoraho har’ ico yodukorera, kukw ata cobuza Uhoraho gukiza, atumye benshi canke bake.


Dawidi ashitse, abarira Sauli, ati Ntihagire uwo arandura umutima; jewe umusavyi wawe ndagiye kurwana n’uwo Mufilisitiya.


Nuko Samweli amudōndera vyose, ntiyagira ico amuhisha. Maze Eli aravuga, ati N’Uhoraho: n’akore ico ashima.


Ni mushikame, murwane magabo, yemwe Bafilisitiya, mwoye kuba abaja b’Abaheburayo, nk’uko bo ar’ abacu: nuko murwane magabo!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ