11 Maze Yowabu aramubarira, at’ Abasiriya ni baramuka bagomba kunnanira, uraza untabare; kandi nawe Abamoni ni baramuka bagomba kukunanira, nanje ndaza kugutabara.
Izindi ngabo zose aziha murumuna we Abishayi ngw azigabishe, na we azitondesha urugamba ruhangana n’Abamoni.
Nuko shira ubgoba, turwane kigabo, turwanire ubgoko bgacu n’ibisagara vy’Imana yacu; na we Uhoraho arakora ico ashima.
none rero ni mwumva inzamba ivuze, muce mukoranira aho turi ah’ izoba ivugiye hose. Imana yacu ntizobura kuturwanira.
ariko wewe nagusengeye ng’ukwizera kwawe ntiguhere. Nawe ni wamara guhinduka, uz’ uremeshe bagenzi bawe.
Twebge abakomeye dukwiye kwihanganira intege nke z’abadakomeye, no kutinezereza.
Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo.