10 Izindi ngabo zose aziha murumuna we Abishayi ngw azigabishe, na we azitondesha urugamba ruhangana n’Abamoni.
Maze Yowabu aramubarira, at’ Abasiriya ni baramuka bagomba kunnanira, uraza untabare; kandi nawe Abamoni ni baramuka bagomba kukunanira, nanje ndaza kugutabara.
Maze Yowabu abonye ko batonze urugamba, rumwe imbere urundi inyuma yiwe, atora bamwe bo mu ntōre zose z’Abisirayeli, abatondesha urugamba ruhangana n’Abasiriya.
Dawidi araheza agabanya ingabo mu mice itatu, umuce umwe awuha Yowabu, uwundi awuha Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, uwundi awuha Itayi Umunyegati. Maz’ umwami abarira ingabo, ati Nanje ubganje turatabarana.
Kandi Abishayi murumuna wa Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umukuru wa bamwe mirongwitatu. Yarāgūriye icumu abantu amajana atatu, arabahindikiranya, aronka izina rya rurangiranwa mur’ abo mirongwitatu.
Kandi Abishayi umwana wa Seruwiya atsinda Abanyedomu ibihumbi cumi n’umunani mu Kiyaya c’Umunyu.
Hanyuma y’ivyo Nahashi umwami w’Abamoni aratanga; maz’ umuhungu wiwe asubira ku ngoma yiwe.