8 Arambaza, at’ Uri nde? Ndamwishura, nti Nd’ Umwamaleki.
Barakevya, bashika Eni‐mishipati (ari h’i Kadeshi), bazingazinga igihugu cose c’Abamaleki, bo n’ Abamori baba i Hasasoni‐tamari.
Dawidi abaza uno muhungu amubikiye, at’ Ur’ uwa hehe? Ati Nd’ umwana w’Umwamaleki yaje ino ar’ inyambukīra.
Maze Sauli akebutse inyuma arambona, arampamagara, ndamwitaba, nti Sabge!
Arambarira, at’ Igira hino, untabare umpohoshe, ati Kuko nsigaye nd’ intēre, naho nkibona.
Maz’ atuma amaso Abamaleki, yongera kuvugishwa, at’ Abamaleki bār’ aba mbere mu mahanga; Arikw iherezo ryabo n’ukuzorandurwa.
None rero genda, utere Abamaleki, ubarandure rwose n’ivyo bafise vyose; ntuz’ ugire uwo uziguriza, arik’ uz’ ugeseze abagabo n’abagore n’abana, mbere n’abonka, bo n’inka n’intama n’ingamiya n’indogoba.
Bukeye Dawidi n’ingabo ziwe baradūga, batera Abageshuri n’ Abagiruzi n’Abamaleki; abo ni bo bār’ inyamo z’ico gihugu uhereye kera, kurinda ushika i Shura n’ igihugu ca Egiputa.
Nuko Dawidi n’ingabo ziwe bashika i Sikulagi ku musi ugira gatatu, basanga Abamaleki bateye igihugu c’i bumanuko n’i Sikulagi, basanga i Sikulagi bāhanesheje, bāhaturiye,
Dawidi aramubaza, at’ Ur’ umuntu wa nde? Kand’ ur’ uwa hehe? Na we aramwishura, ati Nd’ umuhungu wo muri Egiputa, umugurano w’ Umwamaleki; kandi hashize imisi itatu databuja antaye, kuko nari ndwaye.
Dawidi aca ashirakw arabica, uhereye bugihwībīra ugashitsa ku mugoroba wa bukeye; ntiharokoka n’umwe, atar’ abahungu b’imisore amajana ane, bāsimbiye ku ngamiya bagahunga.