7 Maze Sauli akebutse inyuma arambona, arampamagara, ndamwitaba, nti Sabge!
Nya muhungu amubikiye aramwishura, ati Nariko ndihitira, nshitse ku musozi Gilibowa, ngize ntya mbona Sauli yishimikije icumu, kandi mbona asugerejwe n’imikogote n’abagendera ku mafarasi.
Arambaza, at’ Uri nde? Ndamwishura, nti Nd’ Umwamaleki.
Nuko Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli arenguka imbere ya Dawidi; akubita inkoro hasi, aramwunamira. Maze Dawidi aravuga, ati Mefibosheti! Aritaba, ati Sabge!
Numva ijwi ry’Umwami Imana rivuga, riti Ndatuma nde, ni nde yotugīra? Maze ndavuga, nti Ndi hano, ba ari jewe utuma.
Nabaririkijwe n’abatānyibaza; nabonywe n’abatāndondeye; nabariye ihanga ritāmbaje izina ryanje, nt’ Ehe rāba, ndi hano.
Aca ahamagara umuhungu w’umusore amutwaje ibirwanishwa, ati Sokōra inkota yawe, umpohoshe, boye kuzovuga, ngo Yishwe n’umugore. Nuk’ uwo muhungu aramusogota, arapfa.
Bashitse, Sauli aravuga, ati Wewe mwana wa Ahitubu! Na we ati Sabge mugenzi.