3 Dawidi aramubaza, at’ Uva hehe? Aramwishura, ati Ni jewe ndokotse mva ah’ Abisirayeli bāri bashagaje.
ku musi ugira gatatu haza umuntu avuye aho Sauli yar’ ashagaje, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe; ashitse imbere ya Dawidi akubita inkoro hasi, aramwunamira.
Dawidi aramubaza, ati Vyagenze bite? Ntabara umbarire. Aramwishura, at’ Abantu barahunze bava mu rugamba, kandi benshi baruguyemwo, barapfa; na Sauli na Yonatani umuhungu wiwe na bo bārapfuye.
Maz’ araza, yinjira aho shebuja ari. Elisa aramubaza, at’ Uvuye hehe ga Gehazi? Uwundi at’ Eka nta ho nagiye.
Dawidi aramubaza, at’ Ur’ umuntu wa nde? Kand’ ur’ uwa hehe? Na we aramwishura, ati Nd’ umuhungu wo muri Egiputa, umugurano w’ Umwamaleki; kandi hashize imisi itatu databuja antaye, kuko nari ndwaye.