26 Unteye akabonge, ncuti yanje Yonatani! Ewe kuntu nagukunda! Urukundo wankunda rwar’ igitangaza, Rwaruta urukundo rw’abagore.
Ewe kuntu abahizi bāguye, Ibirwanishwa vyabo bikononekara!
Ūcuditse na benshi aba yizaniye guhenebera, Ariko har’ umukunzi yimatanya n’umuntu kurusha ūvukana na we.
Nukw abūrira Dawidi, ati Data Sauli agomba kukwica; none rero wirinde: ejo uz’ ube ur’ ahantu hiherereye, wihishe.
Nuko Yonatani yongera kurahiza Dawidi kubg’ urukundo yamukunda, kuko yamukunda nk’uko yikunda.
Nuk’ uwo mwana amaze kugenda, Dawidi asokoroka aho yar’ ari i ruhande ya ca gihongo, akubita inkoro hasi, amwunamira gatatu; maze baragūmbīrana, bararira, ariko Dawidi we ararushiriza.
Bukeye Yonatani mwene Sauli arahaguruka, aja iyo Dawidi ari i Horeshi, amuremēsha mu vy’ Imana.