24 Yemwe bakobga b’Abisirayeli, ni muririre Sauli, Yahora abambika impuzu zisa n’agahama, mugashaza, Yashariza impuzu zanyu n’ utugenegene tw’izahabu.
Ewe kuntu Sauli na Yonatani bākundwa, kand’ ar’ abanyagikundiro! Nta cabatandukanije mu kubaho kwabo canke mu gupfa kwabo. Bārusha inkukuma kunyaruka, Bārusha n’intambge gukomera.
Ewe kuntu abahizi bāguye mu ntambara hagati! Yonatani arambaraye ku mpinga y’umusozi wawe, aho yatsinzwe.
Abami bari kumwe n’ingabo barahunga, barahunga: Umugore asigaye mu rugo ni we agabanganya iminyago.
Ukw impeta y’izahabu imeze, bo n’utugenegene two kwambarwa tw’izahabu nziza, Ni k’umunyabgenge azi guhanura amerera ugutwi kwumva.
Ntatinya ko shelegi igwisha urukanya abo mu rugo rwabo, Kukw abo mu rugo bose bambaye izikomeye zisa n’ agahama.
Mbeg’ umwigeme yoshobora kwibagira utugenegene twiwe? Cank’ umugeni yokwibagira umwitwikiro wiwe? Arikw abantu banje bānyibagiye imisi myinshi itoharūrwa.
Ngo Ngira ngo n’uko bakigabangana isahu baronse: Umugabo wese aratwara umwigeme umwe canke babiri, Sisera na we aratwara isahu y’impuzu z’amabara, Impuzu zijererenze amabara, Zijererenze amabara impande zompi zo kwambara mw izosi zivuye mw isahu!