Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 1:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ewe kuntu Sauli na Yonatani bākundwa, kand’ ar’ abanyagikundiro! Nta cabatandukanije mu kubaho kwabo canke mu gupfa kwabo. Bārusha inkukuma kunyaruka, Bārusha n’intambge gukomera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 1:23
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yemwe bakobga b’Abisirayeli, ni muririre Sauli, Yahora abambika impuzu zisa n’agahama, mugashaza, Yashariza impuzu zanyu n’ utugenegene tw’izahabu.


Kand’ abana ba Seruwiya ukw ari batatu, Yowabu na Abishayi na Asaheli, ni ho bāri; kandi Asaheli yar’ impayamaguru nk’ingeregere yo mw ishamba.


Kandi na Benaya mwene Yehoyada, umuntu w’umuhizi w’i Kabuseli, na we yari yarakoze ivy’ ubutōre; ni we yishe bene Ariyeli w’i Mowabu bompi; kandi yaramanutse yicira intambge mw isenga, ku musi shelegi yar’ iguye.


Kandi no mu Bagadi, abīherereje ku ruhande rwa Dawidi, igihe yari mw isenga mu bugaragwa, bār’ abantu b’abahizi, bīze ivyo kurwana, bazi uburyo bgo gutwara inkinzo n’amacumu, bateye ubgoba nk’intambge, biruka nk’ingeregere iyo ziruka ku misozi;


Iridunya nk’ibitebo vy’inkorogoto bisoza, Nk’inkukuma yirasa gufata ico ihīga.


Ni vyo ibi: intambge, kukw ari yo irusha ibikōko vyose inkomezi, Kandi ntivira na kimwe mu nzira;


Akanwa kiwe kavamw’ amajambo aryoshe: mbere wese n’uw’ igikundiro. Uwo ni we mukunzi wanje, ni we mugenzi wanje, Yemwe bakobga b’i Yerusalemu.


Eh’ azodūga aze nk’ibicu, n’imikogote yiwe izoza nk’agashururu; amafarasi yiwe azorusha inkukuma kunyaruka. Tubonye ibara! Turageseye!


Abaduhīga barusha inkukuma zo mu kirēre kunyaruka: Badukinagiza ku misozi miremire, bakaducira ibico mu bugaragwa.


Uhoraho azobagomorera ihanga rya kure, ribatere, arikūye ku mpera y’isi, rize nk’ukw inkukuma yirasa, ihanga mutazomenya ururimi rwaryo,


Maze kur’ uwo musi ugira indwi nyene, izuba ritararenga, abo mu gisagara baramubarira, bati N’iki corusha ubūki gusōsa? canke n’iki corusha intambge inkomezi? Na we arabishura, at’ Iyaba mutarimishije inka yanje, Ntimuba mupfīndūye igisōkōranyo canje!


Nuko Dawidi amaze kugānīra na Sauli, umutima wa Yonatani uca ufatana n’uwa Dawidi akaramata, Yonatani amukunda nk’uko yikunda.


Na we aramwishura, ati Biragahera, ntuzopfa! Erega data nta co akora atambariye, ari gito ari kinini; none har’ icotuma abimpisha? Ek’ ivyo si ko biri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ