20 Ntimukabikerutse i Gati, Ntimukabitāngāze mu nzira z’i Ashikeloni, Abakobga b’Abafilisitiya boye kunezerwa, Abakobga b’abantu b’intakebga boye gutera impundu.
Nuko rero, ehe rāba, ngushingirije ukuboko kwanje, ntuvye ingaburo yawe, nkugabure mu bakwanka ngo bakugire uko bagomba, ni bo bakobga b’Abafilisitiya, bāmāramājwe n’ubgēruzi bgawe.
ububi bgawe butaraseruka, nk’uko vyabaye mu gihe co gutēterezwa n’abakobga b’i Siriya n’abahakikije bose, bo n’abakobga b’Abafilisitiya bagushinyagurira impande zose.
Ntimukabikerukirize i Gati, ntimuzirukanye ngo murire; i Beti‐Leyafura abe ari ho mwikumbagariza mu mukungugu.
Maze Yefuta aratabaruka, aja i Misipa; ashitse i we, umwana wiwe w’umwigeme asohoka kumusanganira afise udushāko tw’ ingoma, arikw aratamba, atārīka. Kand’ uwo mwana wiwe yar’ ikinege: nta muhungu nta mwigeme wundi yar’ afise, atar’ uyo gusa.
Maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushungwe, aramanuka aja i Ashikeloni, yicayo abantu mirongwitatu, abakoba imyambaro yabo, aha bamwe bāpfīndūye ca gisōkōranyo imyambaro yo gukūranya. Araheza arīvumbura, adūga kwa se asuguriwe.
Yonatani ni kwo kubarira uwo muhungu yamutwaza ibirwanishwa, ati Ngwino tujabuke tuje ku nsago za ziriya ntakebga; kumbure Uhoraho har’ ico yodukorera, kukw ata cobuza Uhoraho gukiza, atumye benshi canke bake.
Maze Dawidi abaza abantu bahagaze i ruhande yiwe, at’ Uwokwica uwo Mufilisitiya, agakūra igitutsi ku Bisirayeli, bomugororera iki? Mbeg’ uwo Mufilisitiya w’intakebga n’iki, ah’ acōkōra ingabo z’Imana nzima?
Non’ umusavyi wawe ko namaze kwica intambge n’idubu, n’uwo Mufilisitiya w’intakebga azopfa nka kimwe muri vyo, kuko yacōkōye ingabo z’Imana nzima.
Maze mw itabaruka ryabo, Dawidi agarutse avuye kwica wa Mufilisitiya, abagore bava mu bisagara vyose vy’Abisirayeli, bavyina batamba, baza gusanganira umwami Sauli, bafise udushāko tw’ingoma n’utundi tuvuga nk’ inanga, bavuza impundu.
Maze Sauli abarira ūmutwaje ibirwanishwa, ati Sokōra inkota, uyinsogote, zirya ntakebga zoye kunshikīra ngo zinsogote, zinshinyagurire. Arik’ ūmutwaje ibirwanishwa aranka, kuko yari yagize ubgoba bginshi. Sauli ni kwo gufata iyiwe nkota, ayīsukako.
Ibihute vyacuzwe mw izahabu Abafilisitiya bashikaniye Uhoraho kw impongano vyar’ ibi: kimwe car’ ic’i Ashidodi, ikindi car’ ic’i Gaza, ikindi car’ ic’i Ashikeloni, ikindi car’ ic’i Gati, ikindi car’ ic’i Ekuroni;