Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 1:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ku musi ugira gatatu haza umuntu avuye aho Sauli yar’ ashagaje, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe; ashitse imbere ya Dawidi akubita inkoro hasi, aramwunamira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 1:2
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ku musi ugira gatatu, Aburahamu atuma amaso, abona aho hantu hakiri kure.


Reyubeni agaruka kuri rwa rwobe, asanga Yosefu atarimwo; yitantamurirakw impuzu ziwe.


Yakobo yitantamurirakw impuzu ziwe, akenyera amagunira, amara imisi myinshi agandariye umwana wiwe.


Baramwishura, bat’ Ego me, umusavyi wawe aracariho, aragumye. Bicisha bugufi, baramwunamira.


Dawidi aramubaza, at’ Uva hehe? Aramwishura, ati Ni jewe ndokotse mva ah’ Abisirayeli bāri bashagaje.


Maze Tamari yiyorera umunyota mu mutwe, yitantamurirako wa mwambaro wiwe w’amaboko, yiremēka ukuboko, agenda ararira ingenda, aboroga.


Uwo mugore w’i Tekowa ashikiriye umwami, akubita inkoro hasi, aramwunamira, aramubarira, ati Ntabara, mugenzi.


Maze Dawidi ashitse ku mpinga y’uwo musozi, aho bama basengera Imana, Hushayi Umwaruki aza guhūra na we, yitantamuriyekw impuzu yiwe, yisutse ivu ku mutwe.


Maze Arawuna agize ngw ararāba, abona umwami n’ abantu baza iy’ ari; Arawuna arenga irembo, akubita inkoro hasi imbere y’umwami, aramwunamira.


igihe umuntu yaje kumbarira, at’ Erega Sauli yapfuye, agira ngw anzaniye inkuru nziza, naciye ndamufata, ndamwicira aho nyene i Sikulagi; iyo ni yo ngero namugereye ku nkuru yiwe.


ati Genda ukoranirize hamwe Abayuda bose bar’ i Shushani, mwisonzeshe kubganje, mumare imisi itatu ku murango no mw ijoro mutagira ico murya canke munywa; nanje twe n’incoreke zanje tuzokwisonzesha durtyo nyene, mpeze mbone gushika ah’ umwami ari, nah’ ar’ uguca mu cagezwe: kandi namba ndamukiwe no gupfa, mpfe!


Bukeye ku musi ugira gatatu, Esiteri yambara imyambaro yiwe y’ubgamikazi, aragenda ahagarara mu karusha ko ku ngoro y’umwami, aharābana n’iyo ngoro nyene; kand’ umwami yar’ avyagiye ku ntebe yiwe y’ubgami mu ngoro, atumberanye no mw irebe.


Mubgire Imana, mut’ Ereg’ ibikorwa vyawe biteye ubgoba! Ubushobozi bgawe bginshi buzotuma abansi bawe bose bakwunamira baguhema.


bazorenza amajwi bakuririra, baboroge cane, biyorere imikungugu ku mitwe, bikumbagaze mu minyota:


Imisi ibiri ishize azoduhēmbūra: ku musi ugira gatatu azoduhagurutsa, tube bazima imbere yiwe.


imitima yanyu abe ari yo mutabura, ariko s’impuzu zanyu, kandi mugaruke k’Uhoraho Imana yanyu: kukw ar’ inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.


Nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu i kuzimu.


Kuva ubgo Yesu atangura guserurira abigishwa biwe kw akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.


Yosuwa na we yitantamurirakw impuzu ziwe, yitembagaza imbere y’isandugu y’Uhoraho ashitsa ku mugoroba, bo n’abakuru b’Abisirayeli, bīsūrirakw imikungugu ku mitwe.


Ehe nguhaye bamwe bo mw isinagogi ya Satani, biyita Abayuda, atari bo, ariko babesha; ehe nzobagōbēra kuza, bikubite imbere y’ibirenge vyawe, bamenye yuko nagukunze.


Nuk’ uwo mwana amaze kugenda, Dawidi asokoroka aho yar’ ari i ruhande ya ca gihongo, akubita inkoro hasi, amwunamira gatatu; maze baragūmbīrana, bararira, ariko Dawidi we ararushiriza.


Nuko Abigayili abonye Dawidi, ava ku ndogoba yiwe vuba, akubita inkoro hasi, aramwūnamira;


Maz’ umuntu wo mu ba Benyamini ava mu rugamba, agenda yiruka, ashika i Shilo uwo musi, yitantamuriyekw impuzu ziwe, yiyoreye ivu mu mutwe.


Nuk’ uwo muntu abarira Eli, ati Ni jewe mvuye mu rugamba, nje mpunga mvuye mu ntambara uyu musi. Aramubaza, ati Vyagenze bite ga mwana wanje?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ