19 At’ Ewe Isirayeli, icubahiro cawe gitsinzwe ku mpinga z’imisozi yawe! Ewe kuntu abahizi bāguye!
Ewe kuntu Sauli na Yonatani bākundwa, kand’ ar’ abanyagikundiro! Nta cabatandukanije mu kubaho kwabo canke mu gupfa kwabo. Bārusha inkukuma kunyaruka, Bārusha n’intambge gukomera.
Ewe kuntu abahizi bāguye mu ntambara hagati! Yonatani arambaraye ku mpinga y’umusozi wawe, aho yatsinzwe.
Ewe kuntu abahizi bāguye, Ibirwanishwa vyabo bikononekara!
Uwo musi ishami ry’Uhoraho rizoba ryiza rifise icubahiro; ivyo igihugu kizokwama bizoryohera abazoba barokotse bo mu Bisirayeli, bavyirate.
Kuko yakuriye imbere yiwe nk’ikironge, kandi nk’agashami kava mw ivu rigadutse. Ntiyar’ afise ishusho nziza cank’ igikundiro, kand’ aho twamubona ntiyar’ afise ubgiza bgotumye tumwifuza.
Ewe kuntu Umwami Imana yaratse, akūbikiza igicu ku mukobga w’i Siyoni! Yatsinze hasi ubgiza bg’ Abisirayeli abuhanuye kw ijuru, Kandi ntiyibutse indava y’ ibirenge vyiwe kur’ uwo musi w’uburake bgiwe.
Ibitsibo vyo ku mitwe yacu birakorotse: Tubonye ibara, kuko twakoze ivyaha.
Maze nābīra ya nkoni yanje Buntu, ndayivunamwo kubiri, kugira ngo nice isezerano nasezeranye n’amahanga yose.
Nuko nca ndagira umukuku w’imbāgwa, mbere zar’ intama z’imyaku. Maze nābīra inkoni zibiri, imwe ndayita Buntu, iyindi ndayita Yungiro; nuko ndagira umukuku.
Bukeye bgaho, Abafilisitiya baje gukoba imivyimba, basanga Sauli n’abahungu biwe batatu barambaraye ku musozi Gilibowa bapfuye.