18 avyita Agacurantimba k’Umuheto, avuga ko bavyigisha Abayuda; vyanditswe mu gitabo ca Yashari.
Weho, Yuda, abo muvukana bazogushima: Ukuboko kwawe kuzogwa abansi bawe mu gahogo; Bene nyoko bazokwikubita imbere.
At’ Ewe Isirayeli, icubahiro cawe gitsinzwe ku mpinga z’imisozi yawe! Ewe kuntu abahizi bāguye!
Kandi ntimwibagire wa musi mwari muhagaze imbere y’Uhoraho Imana yanyu kuri Horebu, igihe Uhoraho yambarira, ati Nkoraniriza abantu, mbacūrire amajambo, kugira ngo bige kunyubaha imisi yose bazomara bakiriho mw isi, bavyigishe n’abana babo;
Nukw izuba rica rirahagarara, n’ukwezi kuguma aho kwari kuri, gushitsa ah’ iryo hanga rimariye kwihōra abansi babo. Mbeg’ ivyo si ko vyanditswe mu Gitabo ca Yashari? Mber’ izuba ryagumye mw ijuru hagati, riteba kurenga kumara nk’umusi wose.