Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 1:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Dawidi aramubarira, at’ Amaraso yawe abe ari wewe aja ku mutwe, kukw akanwa kawe ari ko kakubereye icagirizi, nk’uko wivugiye ko wishe uwo Uhoraho yimikishije amavuta.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 1:16
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko ndamwēgēra, ndamuhohosha, kuko nabona neza kw atagikira, ni yaramuka atemvye. Ndaheza ndamukoba igitsibo cari mu mutwe, n’umuringa wari ku kuboko; none ndabikuzaniye hano, mugenzi.


Uhoraho agushubije ku mutwe amaraso yose y’ab’ inzu ya Sauli, uwo wishize mu gishingo ciwe, ukīyimika; non’ Uhoraho agabiye Abusalomu umuhungu wawe ubgo bgami; awa! Ubuyobe bgawe buragukoze, kuk’ ur’ umwicanyi!


Umusi wayivuyemwo, ukajabuka umugezi Kidironi, umenye neza k’ utazobura gupfa; amaraso yawe azoba ari wewe aja ku mutwe.


Akanwa kawe ubgako ni ko kagutsindisha, si jewe; Mber’ iminwa yawe ni yo ikwagiriza.


Uba utezwe n’amagambo yo mu kanwa kawe, Uba ufashwe n’amagambo yo mu kanwa kawe.


akagurānira kuzohabga ay’ inyungu, akāka ibirenzeko: ben’ uyo mbega yobaho? Eka ntiyobaho: ko yoba yarakoze ivyo bizira vyose, ntiyobura gupfa; kand’ amaraso yiwe azoba kuri we.


Yumvise ijwi ry’inzamba, ariko yakinnye ku mbūri; amaraso yiwe azoba kuri we; arikw iyaba yarumviye imbūri yokijije amagara yiwe.


Kand’ umugore cank’ umukobga ni yegera igitungano, akaryamana na co, muze mumwicane na co: ntibize bibure kwicwa: amaraso yavyo ni vyo azokora.


Umugabo cank’ umugore bahamagara imizimu, canke bakaba abamenyi, ntibaze babure kwicwa: baze babicishe amabuye; amaraso yabo ni bo azokora.


Umuntu wese azovuma se canke nyina ntaz’ abure kwicwa: kw azoba avumye se canke nyina, amaraso yiwe ni we azokora.


Abantu bose baramwishura, bat’ Amaraso yiwe araba ari twebge akora n’abana bacu.


Aramubgira, ati Ndagucira urubanza ku vyakuvuye mu kanwa, wa muntu wanje mubi we. Ko war’ uzi yuko nd’ umuntu w’umuhambazi, nterura ivyo ntāhateretse, nimbura ivyo ntārimye:


Na bo babihāririje barogose, akunkumura impuzu ziwe, arababarira, at’ Amaraso yanyu araba ari mwebge akora! Jeho ndacuna; guhēra ubu ndaja ku banyamahanga.


Ni co gituma mbashingira intahe uyu musi ncuna, yukw amaraso ya bose atazonkora,


Ariko turazi yukw ivy’ ivyagezwe bivuga vyose bibibgira abaganzwa na vyo, kugira ngw akanwa kose kazibge, kand’ abari mw isi bose babe abo gutsindwa n’urubanza imbere y’Imana:


kugira ngw amaraso y’abatācumuye ntaz’ avishirizwe mu gihugu canyu, ico Uhoraho Imana yanyu abahaye kw ishamvu, ayo maraso akazohava abakora.


Mugabo, ūzotirimuka akava mu nzu yawe agasohoka, amaraso yiwe ni we azosubirako, natwe tweho tuzocuna; arik’ umuntu wese azoba kumwe nawe mu nzu, akagira ic’ aba, amaraso yiwe ni twebge azosubirako.


kugira ngw asubirizwe mu nkōko agatikizo yatikije bene Yerubayali mirongwirindwi, kandi ngw amaraso yabo akore Abimeleki nyene kubica, akore n’abantu b’i Shekemu bāfatanije na we aho yica bene se.


Bukeye Dawidi yumvise ko Nabali yapfuye, aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, yambūranye, akankūrakw ibitētērwa Nabali yari yanteye, agatako jewe umusavyi wiwe akambuza gukora icaha; kand’ inabi ya Nabali Uhoraho akayimusubiza ku mutwe. Hanyuma Dawidi atuma kuri Abigayili kumuresha ngw amucūre.


Ariko Dawidi yishura Abishayi, ati Ntumwice: har’ uwoshobora kubangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta, ntābizire?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ