15 Dawidi araheza ahamagara umwe mu basore, aramubarira, ati Ngwino umwice. Aca aramucumita, arapfa.
Nuk’ umwami Salomo arungika Benaya mwene Yehoyada, amutsindaho, arapfa.
Nuko Benaya mwene Yehoyada aradūga, amutsindaho, aramwica; bamuhamba mu rugo rwiwe bgite rwari mu bugaragwa.
Nuk’ umwami agera Benaya mwene Yehoyada kumwica; na we arasohoka, amutsindaho, arapfa. Uko ni ko Salomo yahangamye ku ngoma.
Yica imigabo y’ingunge, Kugira ngw amaboko yazo ntāgire ingene yoyishitsa.
Umunyakibi aca ingero y’ibihendo, Arik’ ūbiba ubugororotsi aronka impēra y’ukuri.
Maz’ abarira imfura yiwe Yeteri, ati Va hasi ubice. Arik’ uyo muhungu ntiyubahuka gusokōra inkota, kuko yar’ akiri muto.