12 baraboroga, bararira, birirwa ata co batamiye gushitsa ku mugoroba, kubga Sauli n’ umuhungu wiwe Yonatani, no kubg’ abantu b’Uhoraho, n’inzu ya Isirayeli, kuko bicishijwe inkota.
Hanyuma abantu bose baza kwinginga Dawidi ngw afūngure hakiri ku murango; ariko Dawidi ararahira, aravuga, ati Ni nagira ico ntamira izuba ritararenga, Imana iz’ ibimpanire, mbere birushirije!
Umwansi wawe ni yagwa ntuz’ unezerwe, Umutima wawe woye guhimbarwa ni yatsitara:
Icompa umutwe wanje ukuzuramw’ amazi, amaso yanje akaba isōko y’amosozi, kugira ngo name ndira ku murango no mw ijoro, ndirira abishwe ba wa mukobga, ari bo bgoko bgacu!
bakanywesha vino ivyato, bakīsīga amavuta yinjiye; ariko ntibaruha bababazwa n’amazigirizwa y’aba Yosefu.
Ariko jeho ndababgire: Mukunde abansi banyu, musabire ababahama,
Ni nde adakomera, nanje simbe ūdakomeye? Ni nde agira ikimugwisha, nanje isoni ntizinyice?
Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima;
Maze bābīra amagufa yabo, bayahamba musi y’igiti c’umwesheli i Yabeshi nyene, baca barisonzesha kumara imisi ndwi.
Uko ni ko Sauli yapfuye, n’abahungu biwe batatu, n’uwamutwaza ibirwanishwa, bo n’ingabo ziwe zose, bapfa kur’ uwo musi nyene.