Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Maze Dawidi afata impuzu ziwe, azītantamurirako, n’abantu bose bari kumwe na we bagira kuno;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 1:11
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Reyubeni agaruka kuri rwa rwobe, asanga Yosefu atarimwo; yitantamurirakw impuzu ziwe.


Yakobo yitantamurirakw impuzu ziwe, akenyera amagunira, amara imisi myinshi agandariye umwana wiwe.


Baca bitantamurirakw impuzu zabo, umuntu wese asubiza ibintu vyiwe ku ndogoba, basubira mu gisagara.


Maze Tamari yiyorera umunyota mu mutwe, yitantamurirako wa mwambaro wiwe w’amaboko, yiremēka ukuboko, agenda ararira ingenda, aboroga.


Maz’ umwami arabaduka, yitantamurirakw impuzu ziwe, arambarara mw ivu; n’ abantu biwe bose bamuhagaze i ruhande na bo bitantamurirakw impuzu zabo.


Dawidi araheza abarira Yowabu n’abari kumwe na we bose, ati Ni mwitantamurirekw impuzu zanyu, mukenyere amagunira, muririre i ruhande ya Abuneri. Maz’ umwami Dawidi akurikira ikigagara ciwe.


Maz’ umwami w’Abisirayeli asomye ico cete, yitantamurirakw impuzu ziwe, aravuga, ati Mbega jewe nd’ Imana, ngo ntume umuntu apfa canke ngw abeho, k’uyo mugabo andungikiye umuntu ngo ndamukize imibembe? Ehe rāba ingen’ anyigenzako, muheze muvyiyumvire!


ngo Kuko watsinzwe mu mutima wawe, ukicisha bugufi imbere yiwe, ari yo Mana, igihe wumva amajambo yavuze ku vy’ aha hantu bo n’ abahaba, ng’ Ukicisha bugufi imbere yiwe, ukītantamurirakw impuzu zawe, ukaririra imbere yiwe, ngo Na we arakwumvise; ni k’Uhoraho agize.


Maze numvise ivyo nitantamurirakw imvune bo n’umutamana, nishikura umushatsi nishikura n’ ubganwa, nicara numiwe.


Nuko Moridekayi amenye ibibaye vyose ivy’ ari vyo, yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara igunira, yisūrirakw iminyota, arasohoka aja mu gisagara hagati, aborogesha ijwi rirenga ry’ umubabaro.


Kandi nta bgoba bāgira, ngo bitantamurireko n’impuzu zabo, ar’ umwami canke n’umwe wo mu basavyi biwe bumvise ayo majambo yose.


imitima yanyu abe ari yo mutabura, ariko s’impuzu zanyu, kandi mugaruke k’Uhoraho Imana yanyu: kukw ar’ inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.


Arikw intumwa, Barunaba na Paulo, bavyumvise, bītantamurirakw impuzu zabo, bītera mu bantu, basemerera,


munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira.


Yosuwa na we yitantamurirakw impuzu ziwe, yitembagaza imbere y’isandugu y’Uhoraho ashitsa ku mugoroba, bo n’abakuru b’Abisirayeli, bīsūrirakw imikungugu ku mitwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ