Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 3:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 babaza, bat’ Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk’ uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Bazoba bavuga bati: “Ukwo ‘kugaruka’ yasezeranye kuri he? Kuva aho ba sogokuruza bapfiriye, vyose bihora uko vyamye ubwa mbere isi ikiremwa.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 3:4
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Loti arasohoka, abarira abakwe biwe basavye abakobga biwe, ati Vyuka, muve aha hantu, kuk’ Uhoraho agira arandure iki gisagara. Ariko ku bakwe biwe yar’ ameze nk’uwizāgira.


Icāhozeho ni co kizobaho, kand’ icākozwe ni co kizokorwa: kandi nta kintu gisha kiriho musi y’izuba.


Urubanza rw’igikorwa kibi naho ruciwe, ntiruherahezwa vuba, ni co gituma imitima y’ abana b’abantu ihangara gukora ikibi.


Erega barambaza, bat’ Ijambo ry’Uhoraho riri hehe? Ni rishike turābe!


bakavuga, bat’ Ereg’ igihe ntikiragera: enda ni twiyubakire amazu; bat’ Iki gisagara n’inkono, natwe tur’ inyama ziri muri yo.


Uhoraho mwaramurambiye n’amagambo yanyu; yamara muravuga, muti Twamurambiye dute? Ni kuko muvuga yuk’ umuntu wese akora ivyaha ari mwiza imbere y’Uhoraho, ngo Kand’ aramuhimbara; canke ngw Imana ica imanza iri hehe?


Kuk’ Umwana w’umuntu azohava aza afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Ndababgire ukuri: Mur’ aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera Umwana w’umuntu aje mu bgami bgiwe.


Ah’ umuvyimba uri hose, ni ho ibinyakabaka bizokoranira.


Arik’ umushumba mubi ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye:


Arik’ uhereye kw itanguriro ry’ukuremwa, Imana yabaremye bar’ uburyo bubiri.


Kukw iyo misi izoba iy’ amarushwa atigeze kubaho, kuva kw itanguriro ry’ibiremwa Imana yaremye ugashitsa n’ubu, kand’ atazokwongera kubaho.


Arik’ uwo mushumba ni yibgira mu mutima wiwe, ati Databuja aracatevye kuza; maz’ agatangura gukubita abashumba n’incoreke, no kurya no kunywa no kuborerwa,


Araheza arapfukama, asemerera n’ijwi rirenga, ati Mwami, ntubaharūrekw iki caha. Amaze kuvuga artyo, aca aracīkāna. Kandi Sauli na we yarabishimye ko yicwa.


Non’ ivyizigiro vyacu n’iki, cank’ umunezero, cank’ igitsibo co mu mutwe twirata? Mbega si mwebge, imbere y’Umwami wacu Yesu ah’ azozira?


no mu kurereka ukuza kw’umusi w’Imana muwuhahamiye, uzotuma amajuru ashongeshwa no gusha, kand’ ivy’ itanguriro vyose bikayagishwa n’ikibengebenge gikaze?


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya, ut’ Uwiyita Amen, icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri, inkomoko y’ivyaremwe n’Imana, aravuga ibi,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ