Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 3:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Yagenjeje artyo mu vyete vyiwe vyose, aho yavuze ivyo: muri vyo harimwo bimwe-bimwe bigoye itahura, ivy’ abatungu badakomeye bagoreka, nk’uko bagira ivyanditswe bindi, bakīhamagarira guhona.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ni ko yama yandika mu makete yiwe yose, aho avuga kuri ibi. Amakete yiwe arimwo ibintu bigoye gutahura, ivyo abatazi vyinshi n’abatagira uburagamo bagoreka, nk’uko babigira no ku bindi Vyanditswe, ari vyo bizotuma bahona.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 3:16
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nk’ukw amazi asūriranya, ni ko nawe umeze, nuko ntukibaye akarenzo, Kuko wūriye uburiri bga so, Ukabuhumanya: mbere yūriye aja mu buryamo bganje!


Umwami w’umugore yaganza i Sheba yumvise ingen’ izina ry’Uhoraho ryahaye Salomo kuba rurangiranwa, aza azanywe no kumugerageresha ibibazo bigoye.


Biriza umusi bagoreka amajambo yanje, Ivyiyumviro vyabo vyose n’ ivyo kungirira nabi.


Ntimuze muherēre ku ruhande rwa benshi bari mu nama y’ibibi, kand’ ūshinga intahe mu manza, ntaz’ aje iyo benshi bari, bigatuma bagoreka urubanza;


Ntihaze hagire ūgoreka urubanza rw’umworo wo mu b’i wanyu.


Imbūri y’Uhoraho ntimuze muyivuge ukundi: kukw ijambo ry’umuntu wese ari ryo rizomubera imbūri; erega mwagoretse amajambo y’Imana nzima, ni yo y’Uhoraho Nyen’ ingabo Imana yacu.


Ni co gituma amabgirizwa asigaye yāfōrorotse, akaba ata manza ziroranye zikiboneka na mba: kuk’ umunyakibi atangatanze umugororotsi irya n’ino, bigatuma imanza ziboneka zigoramye.


Na we arababaza, ati None mweho, n’iki catumye murenga icagezwe c’Imana kubg’ imigenzo yanyu?


ntiyubahe se canke nyina. None mwatītūye ijambo ry’Imana kubg’ imigenzo yanyu.


Yesu arabishura, ati Mwarazimiye, ko mutāmenye ivyanditswe n’ubushobozi bg’Imana.


Ntimuze mugoreke imanza, ntimuze muce urwa nkunzi, canke ngo murye ingurire: kukw ingurire ihuma amaso y’ abanyabgenge, ikagoreka imanza z’ukuri.


iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.


Tumufiseko vyinshi vyo kuvuga, kandi bigoye isobanura, kuko mwabaye ibitumva.


kukw ar’ umuntu w’imitima ibiri, adāguza mu nzira ziwe zose.


Petero, intumwa ya Yesu Kristo, ndabandikiye abātoranijwe b’inyambukīra zo mu bāsanzariye i Ponto n’i Galatiya n’i Kapadokiya no muri Asiya n’i Bituniya,


N’ibuye ritsitaza n’urutare rugwisha; kuko batsitara kw ijambo ry’Imana, bataryumvira: kandi ni co bāshiriweho.


Ariko hār’ abigira abavugishwa n’Imana kandi, mu bgoko bg’Abisirayeli, nk’uko no muri mwebge hazobah’ abigisha b’ibinyoma, bazozana inyigisho mu mpisho zirema ibice, zitera guhona: bazokwihakana na Shebuja yabaguze, bīhamagarire uguhona gutebutse.


Amaso yabo yuzuye ubusambanyi, ntahāga ivyaha, basukasuka imitima idashikamye, bafise imitima yamogoreye kwifuza inyungu, ni bo bana b’ibivume.


Ni co gituma, abo nkunda, kuko mureretse ivyo, mukwiye kugira umwete wo kuzosangwa mu mahoro, mutagira ikirabagu, mutarik’ umugayo imbere yiwe.


kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abāvugishwa n’Imana bera, mwibuke n’icagezwe c’Umwami ni we Mukiza, cavuzwe n’abatumwa bābatumweko:


Kuko hariho bamwe bābājemwo binyegeteza, bandikiwe kera gucirwakw iryo teka, batubaha Imana, bahindura ubuntu bg’Imana yacu isoni nke, bakīhakana Yesu Kristo, ni we wenyene Databuja n’Umwami wacu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ