Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 3:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Mwiyumvire yuko kwihangana kw’Umwami wacu ar’ agakiza: nk’uko mwene Data akundwa Paulo yabandikiye, uk’ ubgenge yahawe bungana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Mumenye ko ukwihangana kw’Umwami wacu ari agakiza, nk’uko umuvukanyi dukunda Pawulo na we yabibandikiye akoresheje ubwenge yahawe n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 3:15
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

nuko nkugiriye nk’uk’ usavye: ehe nguhaye umutima w’ubgenge wo gutahura, ata we muhwanye mu bākwitangiye imbere canke mu bazoguherukira.


Nukw Abisirayeli bose bumvise uk’ umwami yaciye urwo rubanza, baca baramutinya, kuko bābonye k’ubgenge buva ku Mana buri muri we bgo guca imanza.


Nukw Imana iha Salomo ubgenge n’ubuhanga bginshi cane, n’ umutima wagutse, nk’ukw isēsero ry’umusenyi wo ku kiyaga ryagutse.


Kandi nawe Ezira, nk’uk’ ubgenge bg’ Imana buri muri wewe, uz’ utore abashingantahe n’abacamanza bo gucīra imanza abantu bose bo hakurya y’uruzi, abazi ivyagezwe vy’Imana yawe bose; n’ūtabizi muze muhore mubimwigisha.


kandi ndamwujuje impwemu yanje, kugira ngw agire ubgenge no gutahura no kumenya n’ubuhinga bg’uburyo bgose,


Kandi rāba, ndamushizeko Oholiyabu mwene Ahisamaki, wo mu muryango wa Dani; kandi mu mitima y’abantu bose b’ abahinga ndayishizemw’ ubgenge, ngo bakore ivyo nakubariye vyose, ni vy’ibi:


kandi yamwujuje impwemu y’Imana, kugira ngw agire ubgenge no gutahura no kumenya n’ubuhinga bg’uburyo bgose,


Abo yabujuje ubgenge mu mitima yabo, bgo gukora ibikorwa vy’ ubuhinga vy’uburyo bgose, bg’ umuntu azi guca amagarwe ku tubuyenge n’ubg’ ubuhinga bgo kujisha, n’ubg’ ubuhinga bgo kujererenga amabara y’inyuzi z’ amasufe n’iz’ amashigisha n’izisa n’agahama n’izera derere, n’ubgo kujisha impuzu, mbere n’ubg’ abakora ibikorwa vyose vy’ubuhinga, n’ubg’ abigenera ibikorwa vy’ubuhanga.


Kuk’ umuntu ayihimbaye imuha ubgenge no kumenya n’umunezero: arik’ umunyavyaha imuha umuruho, ngw akumakume arundanye, akazobiha ūhimbaye Imana. Ivyo na vyo n’ubusa, no guhahamira umuyaga.


Ni kubg’ ivyo Uhoraho ashamaje kugira ngw abagirire ubuntu, kandi ni kubg’ ivyo azohaguruka kugira ngw abagirire ikigongwe, kuk’ Uhoraho ar’ Imana ica izibereye; hahirwa abashamaje bamwiteze bose.


kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.


duhūje inama dushimye gutoranya abo bantu no kubatumana kuri mwebge n’abo dukunda Barunaba na Paulo,


imukiza mu marushwa yiwe yose, imuha ubutoni n’ubgenge kuri Farawo, umwami wo muri Egiputa, amugira icēgēra ciwe ngw aganze muri Egiputa, amuzēza n’urugo rwiwe rwose.


Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw ibiganza, aramubgira, ati Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumūke, wuzuzwe Mpwemu Yera.


Cank’ ukēngēra itunga ryo kugira neza kwayo n’iry’ imbabazi zayo n’iry’ ukwihangana kwayo? Ntuzi yuko kugira neza kw’Imana kugushikana ku kwihana?


Kuk’ umwe aheshwa na Mpwemu ijambo ry’ubgenge, uwundi agaheshwa n’uwo Mpwemu ijambo ryo kumenya,


Na vyo nyene turabivuga, ariko ntitubivuga mu majambo yigishwa n’ubgenge bg’abantu, ariko tubivuga mu yigishwa na Mpwemu, tugereranya ivy’ impwemu n’ivy’ impwemu bindi.


Nk’uko nahawe ubuntu n’Imana, nashizeh’ itanguriro, nk’umwubakisha mukuru w’ubgenge, uwundi yubakako. Arik’ umuntu wese ni yiyubare uko yubakako.


yuko mu guhishurirwa nātiwe ibanga, nk’uko nabanje kwandika mu majambo make,


Ariko, icatumye ngirirwa ikigongwe n’ukugira ngo Yesu Kristo yerekanire muri jewe gahebuza, ukwihangana kwiwe kwose, mbe icitegererezo c’abazomwizera bakaronka ubugingo budashira.


Arikw asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga.


Arik’ ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’ amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya.


ni zo z’abatumviye Imana kera, hamwe ukwihangana kwayo kwari kukirorereye mu misi ya Nowa, bga bgato bukibāzwa; muri bgo hārokokeye abantu bakeya, bashika umunani, bākirijwe mu mazi.


kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abāvugishwa n’Imana bera, mwibuke n’icagezwe c’Umwami ni we Mukiza, cavuzwe n’abatumwa bābatumweko:


Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ