Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 3:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ariko nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ariko nk’uko Imana yasezeranye, twiteze ijuru risha n’isi nsha, aho ukugororoka kuzoba kwuzuye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 3:13
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abantu bawe bazoba abagororotsi bose, bazoba ben’ igihugu bgite gushitsa ibihe vyose; bazoba umuvyaro nitereye, igikorwa c’intoke zanje, kugira ngo bintere icubahiro.


Kuko rāba, ndarema ijuru risha n’isi nsha; ivya mbere ntibizokwibukwa, kandi ntibizoruha vyiyumvirwa.


Ibingira n’umwagazi w’intama bizorīshanya; intambge izorīsha ubgatsi nk’inka; kand’ umukungugu ni wo uzoba ivyo kurya vy’inzoka. Ntibizoryana canke ngo bigire ico vyica ku musozi wanje wera iy’ uva ukagera, ni k’Uhoraho agize.


Kuko nk’ukw ijuru risha n’isi nsha, ivyo nzorema, bizohorah’ imbere yanje, ni k’ uruvyaro rwawe n’izina ryawe bizohoraho, ni k’Uhoraho agize.


kugira ngo vyizigire yuko na vyo bizocungurwa ngo ntibibe ibija vyo kubora, bizohabga ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bg’abana b’Imana.


Ivyo vyatumye aduha ivyo yasezeranye vy’akaburarugero, bihambaye cane, kugira ngo bibatere gusangira n’Imana akameremere kayo, mumaze gucika muva mw iborero ryazanywe mw isi no kwifuza.


Mbona ijuru risha n’isi nsha: kukw ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye, n’ikiyaga nticari kikiriho.


Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ