Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 3:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 None, kw ivyo vyose bizoshonga birtyo, mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu kwubaha Imana,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 None ko ivyo vyose bizosamburwa nk’uko, mukwiye kumera mute? Mukwiye kwubaha Imana mu ngeso zanyu

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 3:11
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abanyakibi basokōye inkota, bafoye imiheto, Kugira ngo batūre hasi umugorwa n’umukene, Bice abagenda batunganye.


Umuntu wese anshikanira ikimazi c’ishimwe aba ampesheje icubahiro: Kand’ ūtunganya ingeso ziwe Nzomwereka agakiza k’Imana.


Iy’ isi inyiganyize, bo n’ abayibako bose, Ni jewe ngumije inkingi zayo. Sela.


Wa rembo we, boroga! Nawe gisagara, urire! Bufilisitiya we, iy’ uva ukagera hose, urayaze nk’amavuta, kukw i burārūko havuye umwotsi, kandi nta wusigara yikwega mu ngabo ziwe.


Isi iravungaguritse, isi irasataguritse, isi irahuzenze.


Ingabo z’inyenyeri zo kw ijuru zose zizokamangana, kand’ amajuru azozingirwa hamwe nk’umuzingo w’igitabo, n’izo ngabo zayo zose zizokabirana, nk’ukw akaragarira kava ku muzabibu, kandi nk’ ukw akaragarira kava ku musukoni.


Maz’ abo bantu baratangara, bat’ Uyu n’umuntu ki, umuyaga n’ikiyaga ko bimwumvira?


Nuko mwame mugenza murtyo, kuko muzi imisi, yukw igihe gishitse co kwikangura. Non’ agakiza kacu karatwēgereye, kurusha igihe twizereye.


Ijoro rirakuze, bugira buce. Nuko twiyambure ibikorwa vy’umwiza, twambare ibirwanishwa vy’umuco.


Kuk’ ukwirata kwacu ar’ uku, kand’ ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe: ingeso twagirira mw isi, kandi cane‐cane muri mwebge, zar’ ukwera, n’imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bgenge bg’abantu, ariko mu buntu bg’Imana.


Ariko kimwe gusa, ingeso zanyu zimere nk’uko bibereye ubutumwa bgiza bga Kristo, kugira ngo nje kubagendera canke ntaje, numve ivyanyu ko muhagaze mushikamye mufise impwemu imwe, muhuje umutima mu kurwanira ukwizera ubutumwa bgiza,


Tweho i wacu ni mw ijuru, ni ho twiteze Umukiza kw azova, ni we Mwami Yesu Kristo,


kuk’ ubutumwa bgacu butābashitseko ar’ amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi na Mpwemu Yera, no kumara amazinda rwose; namwe murazi ubugene twari tumeze hagati muri mwebge kubganyu.


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


Ntihakagire ūkugayira ubusore, arik’ ubere abizera icitegererezo mu vy’uvuga, no mu ngeso zawe, no mu rukundo, no mu kwizera, no ku mutima utanduye.


Ariko weho, muntu w’Imana, wame uhunga ivyo, arik’ ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza,


Umuntu ni yigisha ukundi, ntiyemere amajambo mazima, ari yo majambo y’Umwami wacu Yesu Kristo, n’inyigisho zihūra n’ukwubaha Imana;


Ariko kwubaha Imana gufatanije no kubūmbga n’ivy’ ufise kuvamw’ inyungu nyinshi koko:


Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’ ubgayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.


Amaze kwirāba, akagenda, uwo mwanya agaca yiyibagira ukw asa.


Ni nde muri mwebge w’umunyabgenge kandi w’umuhanga? Ni yerekanishe ibikorwa vyiwe ingeso nziza mu bugwaneza bufatanije n’ubgenge.


Ariko nk’ukw Iyabahamagaye ar’ iyera, namwe abe ari ko muba abera mu ngeso zanyu zose.


mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.


Kuk’ ubushobozi bg’ubumana bgayo bgaduhaye ivy’ ubugingo no kwubaha Imana vyose, tubiheshwa no kumenya neza uwaduhamagarishije ubgiza bgiwe n’ingeso ziwe nziza.


ubgenge mubgongereko kwirinda; ukwirinda mukwongereko kwihangana; ukwihangana mukwongereko kwubaha Imana;


Arik’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’ amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’ itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka.


no mu kurereka ukuza kw’umusi w’Imana muwuhahamiye, uzotuma amajuru ashongeshwa no gusha, kand’ ivy’ itanguriro vyose bikayagishwa n’ikibengebenge gikaze?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ