Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 2:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 kand’ ibisagara vy’i Sodomu n’i Gomora, ko yabiciriyekw iteka ryo gukomvomvorwa ikabigira umunyota, ikabishiraho kuba akabarore k’abazogenda batubaha Imana,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 hanyuma kandi nimba yaraciriye kw’iteka ibisagara vya Sodomu na Gomora mu kubihindura umunyota, bigacika akarorero k’ibizoshikira abatubaha Imana;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 2:6
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

yerekeza amaso ahahera i Sodomu n’i Gomora n’igihugu cose ca ca kiyaya, aritegereza, abona imyotsi y’ico gihugu ipfūndūka nk’ imyotsi y’itanure.


Iyaba Uhoraho Nyen’ ingabo atadushigarije amasigarira na makeya, tuba twarabaye nk’i Sodomu, tukamera nk’i Gomora.


Kandi Babuloni, icubahiro c’amahanga y’abami, ubgiza bg’ubgibone bg’Abakaludaya, hazomera nk’uko vyabaye hamwe Imana yakomvomvora i Sodomu n’i Gomora.


Nk’uko vyabaye hamwe Imana yakomvomvora i Sodomu n’i Gomora, bo n’ibisagara bihereranye na ho, ni kw ata muntu azobayo, canke ngo hagire umwana w’umuntu azoba akihaba, ni k’Uhoraho agize.


Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli? Noshobora nte kukugirira nk’i Adima? Noshobora nte kuguhindura nk’i Seboyimu? Umutima wanje ubuze uburagamo muri jewe, n’imbabazi zanje zose zirakongerejwe.


Nasanganguye ibisagara bimwe vyanyu nko mu gihe jewe Imana nahenebereza Sodomu na Gomora, muba nk’ igishirīra cokowe mu muriro: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.


Nuko rero, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, Imana y’Abisirayeli, n’ukuri Mowabu hazoba nk’i Sodomu, n’Abamoni nk’i Gomora, ah’ igisuru ciganziye, habe iyengo ry’imyunyu, hahinduke amatongo ibihe bidashira: amasigarira y’abantu banje azobatera abasahure, mber’ abarokotse bo mw ihanga ryanje bazobatwara.


Maz’ ivyo vyotero vy’ abo banyavyaha nyene bīhamagariye kugesera, babicuremw’ ibintu bibāse vyo kwomeka ku gicaniro, kuko bāvyīgije hafi imbere yanje, jewe Uhoraho, bigatuma biba ivyera, bigacika inyegu: kandi bizobera Abisirayeli ikimenyetso.


isi ikāsama, ikabamirana na Kora, hamwe wa muce wifatanya na bo wapfa, umuriro ukayigiza abagabo amajana abiri na mirongwitanu, bakaba akābarore.


Ndababgire ukuri, ku musi w’amateka igihugu c’i Sodomu n’i Gomora kizogira agahengekezo kurusha nya gisagara.


Nawe, Kaperinawumu, mbeg’ uzoshirwa hejuru ushike kw ijuru? Oya, uzocokezwa i kuzimu; kukw ibikomeye vyakorewe muri wewe, iyo biba vyarakorewe i Sodomu, haba hakiriho na bugingo n’ubu.


Kandi nk’uko Yesaya yavuze kera, at’ Iyaba Uhoraho Nyen’ ingabo atādushigarije uruvyaro, Tuba twarabaye nk’i Sodomu, tukagirwa nk’i Gomora.


Arikw ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebge, abashikwako n’amaherezo y’ibihe.


bakabona yukw ico gihugu cose cabaye amazuku n’umunyu, cahiye uburimbi, ko kitakirimwa, canke ngo kimere, canke ngo kibemwo n’akātsi, ko gisigaye kimeze nk’ukw i Sodomu hākomvomvowe, bo n’i Gomora n’i Adima n’i Seboyimu, ibisagara Uhoraho yakomvomvoje uburake bgiwe n’ubushangashirwe bgiwe;


Nuko tugire umwete wo gushika mur’ ubgo buruhukiro, hoye kugira umuntu agwa, akurikiye icitegererezo ca ba bandi co kutumvira Imana.


kugira ngw acire bose amateka, no kwemeza abatubaha Imana bose ko batsinzwe ku bikorwa vyose vyo kutubaha Imana bakoze batayubaha, n’amagambo yose akomeye abanyavyaha batubaha Imana bavuze bayirwanya.


Kandi n’abantu b’i Sodomu n’i Gomora bo n’ibisagara vyari bihereranye na ho, kuko bitanze bakīha ubusambanyi nka ba bandi, n’ukwendana, ukw imibiri itaremewe, ivyo bisagara vyashiriweho kuba akabarore, bibabazwa n’igihano c’umuriro utazima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ