Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kuko, kw Imana itāgiriye ikigongwe abamarayika bākoze ivyaha, arikw ikabakororera i kuzimu, ikabashira mu vyobo vy’umwiza, ngo barindirwe kuzocirwakw iteka;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Kuko nimba Imana itihanganiye abamarayika igihe bacumura, ariko ikabaterera muri Gehinomu, mu minyororo y’umwijima gushika ku musi w’imanza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 2:4
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yukw inkozi y’ikibi ihora irokoka ku musi w’ivyago, Kandi kw ikira ku musi w’ uburake?


Rāba kw itizigira abasavyi bayo, N’abamarayika bayo kw ibabonakw amafuti,


Iharurira uburake bgayo inzira; Ntiyabakiza urupfu, Arikw irabatanga ngo bicwe n’ikīza;


Ewe kuntu ukorotse uvuye kw ijuru, wa nyenyeri yo mu rubungubungu we, wa mwana w’umutwenzi! Ewe ingen’ uciwe ugashika hasi, wewe watsinda amahanga!


Ni co gituma ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, kuko wahumanishije ahēra hanje ibintu vyawe vyankwa urunuka, n’ibizira vyawe vyose, ni co gituma nanje ntazobura kugutūvya; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira.


Ijisho ryanje ntirizokuziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: arikw ingeso zawe nzozigusubiza ku mutwe, kand’ ibizira vyawe bizokubonekako: ni ho uzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Ijisho ryanje ntirizoziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: ariko nzogusubiza ku mutwe ibihwanye n’ingeso zawe, kand’ ibizira vyawe bizokubonekako; ni ho uzomenya yuko jewe Uhoraho, ari jewe mpana.


Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.


Barasemerera, bati Duhuriye hehe ga Mwana w’Imana? Uje hano kutubabaza agashinyaguro igihe cacu kitarashika?


asemerera n’ijwi rirenga, ati Duhūriye hehe ga Yesu Mwana w’Imana isumba vyose? Ndakurahiye Imana, ntumbabaze agashinyaguro.


Arababgira, ati Nabonye Satani, avuye mw ijuru, akoroka nk’umuravyo.


Baramwinginga ngo ntababarire kuja i kuzimu.


Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo.


Kukw Imana, kw itāgiriye ikigongwe amashami bgite, nawe ntizokikugirira.


Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?


Uhoraho ntazokwemera kumuharira, arik’ uburake bgiwe n’ifūhe ryiwe bizopfūndūka nk’umwotsi kur’ uyo muntu, imivumo yose yanditswe mur’ iki gitabo imurundaneko, kand’ Uhoraho azozimiriza izina ryiwe musi y’ijuru.


arikw abamarayika naho barusha abo bantu inkomezi n’ubushobozi, ntibarega abo banyacubahiro ku Mwami Imana, ntibabatuka.


kandi kw itāgiriye ikigongwe isi ya kera, arikw igakiza Nowa, umwigisha w’ivyo kugororoka, hamwe n’abandi ndwi, aho yazana umwuzure kw isi y’abatayubaha;


Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza, no kurinda abagabitanya bahanwa gushitsa ku musi w’amateka,


Ūkora ivyaha n’uwa wa Murwanizi, kuk’ uhereye ubga mbere na mbere uwo Murwanizi yamye akora ivyaha. Icatumye Umwana w’Imana ahishurwa ngiki: n’ukugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi.


n’imipfunda yo mu kiyaga isūriranya, babimba ifuro ry’ibiteye isoni vyabo; n’inyenyeri ziyerera zibīkiwe umwiza w’umuzitanya ibihe bidashira.


N’abamarayika batāgumye mu bukuru bgabo, ariko bātaye ahantu habo, ibarindira kuzocirwakw iteka ryo ku musi uhambaye, bari mu minyororo idashira no mu mwiza.


Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ