Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 2:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Icobaye ciza kuri bo, iyaba batigeze kumenya inzira yo kugororoka, hako basubira inyuma, bamaze kuyimenya, bagata icagezwe cera bāhawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Icari kuba ciza kuri bo ni uko boba batigeze bamenya inzira y’ukugororoka, kuruta kuba barayimenye hanyuma bagatera ibitugu rya bwirizwa bari barashikirijwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 2:21
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arikw abizimagiriza mu nzira zabo zigoramye, Uhoraho azobashorerana n’ inkozi z’ibibi. Amahoro abe mu Bisirayeli.


Hinge numve ivyo Imana, Uhoraho, igira ivuge: Kukw izobgira abantu bayo n’abakunzi bayo ivy’ amahoro; Ariko ntibaze basubire mu bupfu.


Mu nzira y’ukugororoka har’ ubugingo, Kandi mu ndari yakwo nta rupfu ruhaba.


Imvi ku mutwe n’igitsibo c’ icubahiro, Kiboneka mu nzira y’ubugororotsi.


Arik’ umugororotsi ni yahindukira akava mu bugororotsi bgiwe, agakora ivy’ ukugabitanya, akīgāna ibizira vyose umunyakibi akora, mbega yobaho? Mu bikorwa vy’ubugororotsi vyose yakoze, nta na kimwe kizokwibukwa: ubuhemu bgiwe yagize, n’ivyaha vyiwe yakoze, ni vyo azopfa azize.


Nuko mbona ko yononekaye, kandi ko bompi barondetse mu nzira imwe.


Ikindi, umugororotsi ni yahindukira akareka ubugororotsi bgiwe, agakora ivy’ ukugabitanya, nanje ngashira igitsitaza imbere yiwe, azopfa: kuk’ utāmubūriye, azopfira mu caha ciwe; kand’ ibikorwa vyiwe bigororotse yakoze ntazobiharūrwako, arikw amaraso yiwe nzoyakuronderako.


Ni nabgira umugororotsi kw azobaho, akishimira ubugororotsi bgiwe, maz’ agakora ivy’ ukugabitanya; mu bikorwa vy’ubugororotsi bgiwe nta na kimwe kizokwibukwa, arikw ibigabitanyo vyiwe yakoze ni vyo azopfa azize.


n’ abasubiye inyuma bakareka kunkurikira jewe Uhoraho; n’abatigeze kundondera, canke ngo bagire ico bansiguza.


Kuko Yohana yaje muri mwebge agendera mu nzira yo kugororoka, kandi ntimwamwemera. Arikw abatozakori n’abasambanyikazi baramwemeye. Namwe mubibonye, no hanyuma ntimwirimbura ngo mumwemere.


Kand’ uwo mushumba yar’ azi ivyo shebuja agomba, ntiyitegure, ntakore ivyo agomba, azokubitwa nyinshi.


Iyo ntaba naraje ngo ngire ico mbabarira, nta caha baba bafise, ariko none ntibari n’ico bireguza icaha cabo.


Yesu arababgira, at’ Iyo muba mwar’ impumyi, nta caha muba mufise, ariko noneho muvuga muti Turabona: icaha canyu camaho.


None rer’ ivyagezwe n’ivyera, kand’ ibgirizwa n’iryera, rigororotse, ryiza.


Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo.


Murazi ivyagezwe twahawe n’Umwami Yesu kubabarira ivy’ ari vyo.


witondere icagezwe, ntugire agasembga, ntubek’ umugayo, gushitsa ku guseruka kw’ Umwami wacu Yesu Kristo,


Kuko namba dukora ivyaha ibigirankana, kandi tumaze guhabga kumenya ivy’ ukuri, ntihaba hagisigaye ikimazi c’ivyaha,


Nuk’ ūzi gukora neza ntabikore, bimubera icaha.


kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abāvugishwa n’Imana bera, mwibuke n’icagezwe c’Umwami ni we Mukiza, cavuzwe n’abatumwa bābatumweko:


Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivy’ agakiza dusangiye, nari numvise ikingōbēra kubandikira ivyo kubahanūra kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ