Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 2:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Namba kumenya neza Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza kwarabateye kudohoka, bakava mu vy’ isi bihumanya, maze bakongera kuvyizingiramwo, bikabanesha, ivyo hanyuma vyabo birusha ivya mbere kuba bibi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ko bari barahunze bakava mu bibonona vy’iyi si babihawe no kumenya Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo, hanyuma bakongera kubohwa na vyo kandi bakaba baratsinzwe, ubu babaye babi kurusha ubwa mbere.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 2:20
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni nabgira umugororotsi kw azobaho, akishimira ubugororotsi bgiwe, maz’ agakora ivy’ ukugabitanya; mu bikorwa vy’ubugororotsi bgiwe nta na kimwe kizokwibukwa, arikw ibigabitanyo vyiwe yakoze ni vyo azopfa azize.


na we ahasuzume, maze ni yasanga ico kintu gisa n’icinjiye imbere mu rukoba, ubgoya bgaho bgahindutse, bukēra, uwo muherezi az’ avuge kw ahumanye: izoba ar’ indwara y’imibembe, yaziye mu nkovu y’igihute.


Maz’ ico kintu indwara yafashe, uwo muherezi az’ agisuzume, kimaze kumesurwa; nuko ni yasanga ah’ iyo ndwara yafashe hadahinduye ibara, kand’ iyo ndwara itunguruje, na ho nyene kizoba gihumanye; kize giturirwe: izoba ar’ iyo ndwara igenda irarya, naho coba kibaye inkūte imbere cank’ inyuma.


Na h’iyo ndwara ni yagaruka, igasubira gusēsa ku nzu, bamaze gusambura amabuye no kuyihomōra, bagasubira kuyihoma;


Maz’ atuma amaso Abamaleki, yongera kuvugishwa, at’ Abamaleki bār’ aba mbere mu mahanga; Arikw iherezo ryabo n’ukuzorandurwa.


Iyo baba abanyabgenge bokwibajije ibi, Bakiyumvira ivy’ iherezo ryabo.


iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye.


Nta musoda yikwegera mu vy’ubu bugingo, ngw az’ ahimbare uwamwandikiye ubusoda.


Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.


Kuko ni vyaba birtyo, muzohabga rwose kwinjira mu bgami budashira bga Yesu Kristo, ni we Mwami n’Umukiza wacu.


Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge, mubiheshwa no kumenya Imana neza na Yesu Umwami wacu.


Kuk’ ubushobozi bg’ubumana bgayo bgaduhaye ivy’ ubugingo no kwubaha Imana vyose, tubiheshwa no kumenya neza uwaduhamagarishije ubgiza bgiwe n’ingeso ziwe nziza.


Ivyo vyatumye aduha ivyo yasezeranye vy’akaburarugero, bihambaye cane, kugira ngo bibatere gusangira n’Imana akameremere kayo, mumaze gucika muva mw iborero ryazanywe mw isi no kwifuza.


Kuko namba mugira ivyo, bikagwira, bituma mutaba abanyabute cank’ ingumba ku vyo kumenya neza Umwami wacu Yesu Kristo.


Bavuga ibitumbaganyemw’ ibitagira ico bimaze, basukasuka abariko baridohora mu bagenda bazimiye, babasukasukisha ukwifuza kw’umubiri n’isoni nke.


Ariko mukurire mu buntu bga Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza, no mu kumumenya. Icubahiro kibe iciwe ubu no gushitsa umusi utagira iherezo. Amen.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ