Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 2:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Babasezeranira umwidegemvyo, arik’ ubgabo n’abagurano b’ibiboza: kukw icānesheje umuntu kiba kimuhinduye umugurano waco.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Babasezeranira umwidegemvyo, ariko na bo ubwabo bakiri abagurano b’ivyonona (kuko umuntu wese ni umugurano w’ikimuganza ico ari co cose).

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 2:19
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igitsibo c’ubgibone bg’ababorewe b’Abefurayimu kizobona ibara, bo n’ishurwe ry’ ubgiza bg’icubahiro ciwe rikabiranye, riri ku mutwe w’ikiyaya kimera cane c’abatsindwa na vino, na ryo rizobona ibara.


Ku vya ba kamenyi. Umutima wanje unsābiye mu nda, amagufa yanje yose aratetemera; mmeze nk’imborerwa, nk’umuntu yaneshejwe na vino, kubg’ Uhoraho n’amajambo yiwe yera.


Uwo muherezi amusuzume, maze ni yabona ico gisekera cunguruje koko aho nyene inyuma ku rukoba, avuge kw ahumanye: izoba ar’ imibembe.


Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūkora icaha wese n’umuja w’icaha.


Umuntu arimw’ impwemu ihumanye abagurukirako bompi, arabanesha, arababirika, bahunga mur’ iyo nzu bambaye ubusa bakomeretse.


Kristo yatugobotoye ngo tube mu mwidegemvyo: nuko muhagarare mushikamye, ntimukongere kuzīngīrwa n’ugutwazwa ituntu n’ubuja.


Bene Data, mwahamagariwe umwidegemvyo; mugabo rero, uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rw’akameremere kanyu, arik’ urukundo rubatere gukorerana.


bashire ibirāre, bave mu mutego wa wa Murwanizi yabafashe ngo bakore ivy’ agomba.


Kuko natwe nyene kera twar’ ibipfu, tur’ intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwifuza n’ukwinezereza vy’uburyo bginshi, twama tugira urwanko n’igono, tur’ abo kwankwa natwe twankana.


ngo mube nk’abidegemvya, arikw atar’ ukugira umwidegemvyo wanyu igitwikirizo c’inzigo, ariko mube nk’abagurano b’Imana.


Ivyo vyatumye aduha ivyo yasezeranye vy’akaburarugero, bihambaye cane, kugira ngo bibatere gusangira n’Imana akameremere kayo, mumaze gucika muva mw iborero ryazanywe mw isi no kwifuza.


Namba kumenya neza Yesu Kristo Umwami wacu n’Umukiza kwarabateye kudohoka, bakava mu vy’ isi bihumanya, maze bakongera kuvyizingiramwo, bikabanesha, ivyo hanyuma vyabo birusha ivya mbere kuba bibi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ