Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 2:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Abo n’amasōko akamye, kandi n’ibipfungu bikubebga n’igihuhuta, barindirijwe umwiza w’umuzitanya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Abo bantu bameze nk’amasoko yakamye n’ibicu bikubebwa n’umuyaga. Kandi babikiwe umwijima w’umuzitanya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 2:17
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abashingantahe babo barungika abana kuvoma, bashika ku mariba, basanga ata mazi; bagaruka imibindi yabo iri gusa: baramāramāra baratētērwa, bitwikira mu mutwe.


Ewe Efurayimu, mbega nkugire nte? Nawe nyene Yuda, ndakugire nte? Kuk’ urukundo munkunda rumeze nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’ urume ruta mu kanya gato.


Maz’ umwami abgira abakozi biwe, ati Ni mumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwiza; ni ho hazoba amarira n’ukuryanya insya z’amenyo.


N’uyo muntu wanje w’imburakimazi ni mumute hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


arikw abana b’ubgo bgami bazohindirwa hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.


Ntimwegereye umusozi wokorwako, waka umuriro, kandi ntimwegereye umwiza w’umuzimagiza n’uw’ umuzitanya, n’igihuhuta,


Kuko, kw Imana itāgiriye ikigongwe abamarayika bākoze ivyaha, arikw ikabakororera i kuzimu, ikabashira mu vyobo vy’umwiza, ngo barindirwe kuzocirwakw iteka;


N’abamarayika batāgumye mu bukuru bgabo, ariko bātaye ahantu habo, ibarindira kuzocirwakw iteka ryo ku musi uhambaye, bari mu minyororo idashira no mu mwiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ