Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 2:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 arikw ahanwa ubugāba bgiwe, hamwe indogoba itazi kuvuga yavuga ijwi nk’iry’ umuntu, ikabuza ibisazi vy’uwo muntu avugishwa n’Imana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ariko yahanuwe n’indogoba (igikoko kitavuga) mu vyo yariko arakora bibi, aho yatura ikavugisha ijwi ry’umuntu maze igahagarika ubusazi bw’uwo muvugishwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 2:16
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iy’ uhanishije umuntu ibikangiro kubg’ ukugabitanya kwiwe, Umumarak’ ubgiza nk’ukw inyenzi yonona: N’ukuri umuntu wese n’ impwemu zihumetswe gusa. Sela.


Maze nshira umutima wanje ku kumenya no gusesa no guserangura ubgenge n’ inyanduruko z’ibintu, no kumenya kw icaha ar’ ubupfu, kandi k’ubupfu ar’ ibisazi.


Ubu n’ubuyobe mu bikorerwa musi y’izuba vyose, yukw iherezo rya bose ari rimwe: mbere, mu mitima y’abana b’abantu huzuyemw’ ibibi, kandi bakiriho, ubusazi buba mu mitima yabo, hanyuma bakitāhira mu bapfuye,


Imisi yo kuzirwa kwabo irashitse, imisi yo gusubirizwa mu nkōko irashitse; Abisirayeli bazobimenya; ūvugishwa n’Imana yabaye igipfu, ūvugishwa na Mpwemu yāsaze, basarishijwe n’isinzi ry’ibigabitanyo vyawe, n’uk’ ubgansi ari bginshi.


Namba mutabaye abizigirwa kw itunga ribi mubīkijwe, ni nde azobabītsa itunga nyaryo?


No mu masinagogi yose nābahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane mbazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy’abanyamahanga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ