Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 2:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Bātaye inzira igororotse, barazimira, bakurikira inzira ya Balamu, mwene Beyori, umwe yakunze ingero zo kugabitanya,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Barahevye inzira igororotse barazimira bakurikira inzira ya Balamu mwene Beyori, yakunze ingero mbi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 2:15
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na we aramwishura, at’ Eka si jewe nateje amagorwa Abisirayeli, ariko ni wewe, mwe n’inzu ya so, mwayabateye, kuko mwaretse ivyagezwe vy’Uhoraho, mugakurikira za Bayali.


Na we arishura, ati Nagize ishaka ryinshi ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo; kukw Abisirayeli bavuye mw isezerano ryawe, bagahomvagura ibicaniro vyawe, kandi bicishije inkota abavugishwa nawe; ni jewe jenyene nsigaye, nanje nyene barangenza ngo banyice.


kuko batāsanganije Abisirayeli umutsima n’amazi, kandi kuko bāhēreye Balamu ngw abavume; mugabo, Imana yacu yahinduye uwo muvumo ucika umugisha.


Abataye ivyagezwe bashima abanyakibi, Arikw abitondera ivyagezwe barabarwanya.


Ati Nanje rero, ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, nta n’akagongwe nzogira, arikw ingeso zabo nzozibasubiza ku mutwe.


Efurayimu azovuga, ati Turacahūriye hehe n’ibigirwamana? Naramwishuye, kandi nzomushirak’ umutima. Mmeze nk’igiti c’akajwari gitotahaye: imbuto zawe ni jewe zandurukako.


Yemwe bantu banje, enda ni mwibuke imigabo Balaki umwami w’i Mowabu yīgīriye, n’ico Balamu mwene Beyori yamwishuye; mwibuke n’ivyabaye uhereye i Shitimu ukageza i Gilugali, kugira ngo mumenye ivy’ ubugororotsi nakoze, jewe Uhoraho.


Maz’ iyo ndogoba ibona uwo mumarayika w’Uhoraho ahagaze mu nzira, yāsokōye inkota, ica irakevya, iva mu nzira, ica mu vyatsi. Balamu arayikubita ngw ayisubize mu nzira.


Maz’ Uhoraho abumbura akanwa k’iyo ndogoba, ibaza Balamu, it’ Umpoye iki, kunkubita ibihetangabo gatatu kose?


Umumarayika w’ Uhoraho aramubaza, at’ Ukubitiye iki iyo ndogoba yawe gatatu kose? Rāba nzanywe no kugutāngīra, kuk’ uhurūdukiye mu binyuranye n’ivyo ngomba.


Ereg’ abo ni bo bacumuje mwebge Abisirayeli k’Uhoraho ngo mumuhemukire mu vyabaye i Peyori, babitewe n’inama za Balamu, bituma ikīza gitera ishengero ry’Uhoraho.


Aya yoshoboye kugurwa vyinshi bigahabga aboro.


(Kand’ uwo muntu amaze kugura ubgatsi ku vyo yahawekw ibiguzi vyo kugabitanya kwiwe, agwa yubamye, araturika, amara yiwe yose arasēseka.


ati Wewe wuzuye ubugunge bgose n’ububi bgose, wa mwana w’Umurwanizi we, wa mwansi w’ivyo kugororoka vyose, ntuzoreka kugoreka inzira z’Umwami Imana zigororotse?


bababazwe n’ibibi, ni zo ngero z’ubukozi bg’ibibi bgabo. Bumva ibibahimbara ar’ ukwirirwa badayangwa, abo n’amarabaga n’agasembga, badayangishwa n’ivyo bagunze, bagisangira namwe ivyiza.


Bazobona ibara, kuko bajanye inzira ya Kayini, bakiroha mu buzimire bga Balamu kubg’ amaronko, bagahonera mu mugararizo wa Kora.


Ariko mfise i vyo nkugayako bike, kukw i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, bashakane.


Kandi nanje, ntibikanzeko ko noreka kubasengera, ngacumura k’Uhoraho, ariko nzokwama mbarangira inzira nziza itunganye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ