Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 2:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Amaso yabo yuzuye ubusambanyi, ntahāga ivyaha, basukasuka imitima idashikamye, bafise imitima yamogoreye kwifuza inyungu, ni bo bana b’ibivume.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Kubera amaso yabo yuzuye ubusambanyi, ntibahaga gucumura, basuka imitima y’abadakomeye, bashize imitima ku nyungu mbi, bariko umuvumo w’Imana!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 2:14
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Asangw’ ibirenge vyanje vyarakebeje mu nzira, Umutima wanje ugakurikira amaso yanje, Kand’ asangwa har’ agasembga na kamwe kometse ku biganza vyanje:


Asangw’ umutima wanje warasutswe n’umugore, Nkabunda ku muryango w’ umubanyi wanje:


Bituma atabona inzira isēnnye y’ubugingo, Ingendo ziwe ziradandabagirana, kandi ntazi iy’ aja.


Ntukifuze ubgiza bgiwe mu mutima wawe, Kandi ntagufatishe kubongeka ingohe ziwe.


Ni mwiyuhagire, mwitunganye, mukūreh’ ibibi vyo mu bikorwa vyanyu bive mu nyonga zanje; mureke gukora ibibi,


Kukw inkota yanje inyoye mw ijuru igahāga; non’ igira igwe ku Banyedomu, no ku bantu navumye, ngw ibahane.


Ntihazokwongera kubamw’ abapfa bakir’ inzoya, cank’ umutāma adasozereye imyaka yiwe; kuk’ umwana azopfa amaze imyaka ijana, kand’ ūkenyutse ntashitse ijana azoba yavumwe.


Mbeg’ Umunyetiyopiya yoshobora guhindura urukoba rw’umubiri wiwe, cank’ ingwe yokwihindura amabara yayo? Ivyo bishobotse, namwe mwoshobora gukora ivyiza, mwebge abāmogoreye gukora ibibi.


ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Bazobona ibara, abagore bapfundika ibiheko mu ngingo z’amaboko yose, bakabarīra imyitwikiro yo ku mitwe y’abantu, ukw ikirēho c’umuntu wese kiri, uti Kugira ngo babone ingene bafata abantu! Uti Mbega mwofata abantu biwe, namwe mukīkiza?


Mwa bana b’inzoka mwe, mwoshobora mute kuvuga ivyiza muri babi? Ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kavuga.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mukirya ingo z’abapfakazi musengesha menshi muhumba: ni co gituma muzocirwa urubanza ruruta izindi.]


Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe.


Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abatoranijwe, ni vyashoboka.


Mwoshobora kwizera mute, ari mwebge mwubahana, arikw icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera?


Kukw abameze bartyo Umwami wacu Kristo atari we bajakariye, ariko n’inda zabo, kandi bōhesha imitima y’aberanda amajambo meza n’ivyo kubanezereza.


Kuko n’ibice bitobura kuba muri mwebge, ngw abemewe muri mwebge baseruke.


Kandi natwe twese twahora muri bo kera mu kwifuza kw’ imibiri yacu, tugakora ivy’ imibiri n’imitima vyacu bigomba, kandi mu kameremere kacu twar’ abo kurakirwa, nk’abandi bose.


kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.


Ntihakagire umuntu abagunga impēra yanyu, nk’uko yigombera ubgiwe, ayibagungishije kwicisha bugufi no gusenga abamarayika, aguma mu vyo yabonye gusa, atewe kwihimbariza ubusa n’ubgenge bg’akameremere kiwe,


kukw ar’ umuntu w’imitima ibiri, adāguza mu nzira ziwe zose.


Bavuga ibitumbaganyemw’ ibitagira ico bimaze, basukasuka abariko baridohora mu bagenda bazimiye, babasukasukisha ukwifuza kw’umubiri n’isoni nke.


Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.


Yagenjeje artyo mu vyete vyiwe vyose, aho yavuze ivyo: muri vyo harimwo bimwe-bimwe bigoye itahura, ivy’ abatungu badakomeye bagoreka, nk’uko bagira ivyanditswe bindi, bakīhamagarira guhona.


Kukw ikiri mw isi cose ar’ ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bugingo, bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi.


Bazobona ibara, kuko bajanye inzira ya Kayini, bakiroha mu buzimire bga Balamu kubg’ amaronko, bagahonera mu mugararizo wa Kora.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ