Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Petero 1:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ivyo vyatumye aduha ivyo yasezeranye vy’akaburarugero, bihambaye cane, kugira ngo bibatere gusangira n’Imana akameremere kayo, mumaze gucika muva mw iborero ryazanywe mw isi no kwifuza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ni muri ivyo nyene yaduhereye amasezerano yiwe ahambaye kandi y’agaciro kanini, kugira ngo muri vyo namwe mugire akamere k’Imana ngo muhunge muve mu kwononekara kw’iyi si kwazanywe n’ivyipfuzo bibi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Petero 1:4
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ni bo Bisirayeli, ivyabo n’ugucika abana b’Imana, n’ubgiza, n’amasezerano, no guhabga ivyagezwe, no gusenga Imana, n’ivyasezeranywe:


Ivy’ Imana yasezeranye uko bingana, muri we ni ho Ego me riri: ni co gituma ari we adutera kuvuga ngo Amen, ngw Imana ishimishwe natwe.


Tweho twese, ko tutitwikiriye mu maso, tukerekana nk’icirore ubgiza bg’Umwami, turahinduka, tugashushanywa n’iyo shusho, tukava mu bgiza tukaja mu bundi, nk’abahindurwa n’Umwami, ari we Mpwemu.


Nuko muve hagati ya ba bandi, Mubītandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, Kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; Nanje nzobākira,


Nuko Aburahamu ni we yasezeraniwe amasezerano, bo n’uruvyaro rwiwe. Ntiyavuze, it’ Imvyaro; nk’ūvuga benshi: yamara yavuze nk’ūvuga umwe, iti N’uruvyaro rwawe; ni rwo Kristo.


Ūbiba mu buryo bg’umubiri azokwimbura ukubora mu mubiri; arik’ ūbiba muri Mpwemu azokwimbura muri Mpwemu ubugingo budashira.


kugeza aho twese tuzoshikira ku kugiriranira ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya Umwana w’Imana, kandi kugeza aho tuzoshikira kuba abantu bakuze, no ku rugezo rw’ubginshi bg’ukunengesera kwa Kristo:


mukambara umuntu musha, ahindurwa musha ngw agire ubgenge, amere nk’ishusho y’Iyamuremye:


Kuko ba bandi bādukāngīra imisi mike nk’uko bāgomba, ariko we adukāngīrira ikigira ikimazi, kugira ngo dusangire na we ukwera kwiwe.


Ni co gituma aba umuhūza, ahesha isezerano risha, kugira ngw abāhamagawe bahabge umwandu udashira w’isezerano, bitewe n’uko habayeh’ urupfu rucungura abacumuye bakiganzwa n’isezerano rya mbere.


Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.


Simoni Petero, umugurano wa Yesu Kristo kand’ intumwa yiwe, ndabandikiye mwebge abāhawe ukwizera kw’akaburarugero kungana n’ukwacu, muguheshejwe n’ukugororoka kwa Yesu Kristo, ni we Mana yacu n’Umukiza.


Ariko nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo.


Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana.


Iri ni ryo sezerano yadusezeraniye, n’ubugingo budashira.


Abo nkunda, none tur’ abana b’Imana, arik’ uko tuzomera ntikurahishurwa; ico tuzi, n’uko Yesu ni yahishurwa tuzosa na we, kuko tuzomurāba ukw ari.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ